GISHA INAMA IMANA IMBERE YA VYOSE

Imbere yo guhangana n’Abafilisitiya, Dawidi yabanje kugisha inama Imana:

« Nduge nje gutera Abafilisitiya? Urabagabura mu maboko yanje? »(2 Samweli 5:19)
Uhoraho aramusubiza ati:
« Duga ubatere, kuko ntazobura kugabura abo Bafilisitiya mu maboko yawe. »(2 Samweli 5:19)

Nka Dawidi, dukwiriye guhora tubwira Imana ivyo twifuza gukora n’imigambi yacu kugira itugire inama, kandi itubwire n’ubugombe bgayo imbere y’uko dutangura umugambi uwo ariwo wose.
None imigambi myinshi ntihora ipfa kubera ko idashigikiwe n’Imana?
Uhoraho Imana yacu itubwire ubugombe bwayo ku buzima bwacu.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe guhora turondera kumenya ubugombe bwawe mu vyo twifuza gukora vyose.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *