Ijambo ry’Imana ridusaba kwihanganira no kubabarira abandi, ariko ntitubishobora ata rukundo tudafise.
« Mwihanganirana, muharirana, iy’ umuntu agize ico apfa n’uwundi. Nk’uk’ Umwami wacu yabahariye, namwe abe ari ko muharirana. »(Abakolosayi 3:13)
Muvy’ukuri, ntidushobora kwihanganira amanyembwa y’umuntu, ububegito bwiwe n’ivyaha vyiwe tutamukunda.
Ntidushobora kandi no kubabarira umuntu tutamukunda.
Urukundo nirwo ruduha inkomezi zo kwihanganira no kubabarira vyose.
Iyi ni nayo mpamvu intumwa Pawulo avuga ko tudafise urukundo ataco turi co.(Soma 1 Ab’Ikorinto 13:1)
Nitwaba rero dushobora kwihanganira no kubabarira abandi, n’ikimenyetso ntahinyuzwa ko tuzi Imana kandi ko turi abayo.
Nitwaba kandi tudashobora kwihanganira no kubabarira abandi, ntampamvu dufise yo kuguma tuvuga ko tuzi Imana kandi ko turi abayo, kuko Imana ni Urukundo kandi imenyera abayo ku rukundo bakunda abandi.(Soma 1Yohana 4:7-8)
IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe inkomezi zo gukunda abandi kugira ngo tubashe kubihanganira no kubababarira.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA