Amaze kubwira neza abigishwa biwe ko yimirije gutandukana nabo (Yohana 13:33), kandi ko umwe muri bo azomuhemukira (Yohana 13:21), Yesu yarabonye ko imitima yabo yahungabanye.
Niho rero Yesu yabahumuriza ababgira ati:
« Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana, nanje munyizere. »(Yohana 14:1)
Iyo twumvise amakuru y’incamugongo, turahungabana, umutima ukanahagarara. Ivyo navyo bishobora kugira inkurikizi no ku magara yacu kuko bishobora kwandurukiramwo n’ingwara y’umutima.
Ariko, iyo twizera ko Imana irikumwe natwe, ko Imana itwitaho, ko vyose Imana ibizi, ntidushobora guhungabana.
IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe guhora tukwizeye.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA