RUHUKA !

Igihe intumwa zakoranira aho Yesu ari, zimudondera ivyo zakoze vyose n’ivyo zigishije. Yarababgiye ati:
« Ni muze mwebge mwenyene ahiherereye mu gahinga, muruhuke gatoya. »(Mariko 6:31) Kuko hari benshi banyurana, babura n’ingene botamira utwo kurya.

Iyumvire, bari muri vyinshi cane kuburyo batabonye n’umwanya wo kurya!
Bari bakeneye kuruhuka.
Ni cokimwe natwe, rimwe na rimwe dukenera kwiherera kugira ngo turuhuke na gato.
Ko Imana ubwayo yaruhutse igihe c’irema kandi na Yesu akaba yarasavye abigishwa biwe kuja ahiherereye kugira ngo baruhuke, kuki tweho tudashaka kuruhuka?
Kutaruhuka n’ukwiyicira amagara yacu buhoro buhoro.
Reka tuzoze turondera umwanya wo kuruhuka Bene Data.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe guhora twibuka kuruhuka kugira ngo turinde amagara yacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye tuvyizeye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *