AMAGAMBO YACU ARUMVWA N’IMANA

Igihe abisirayeli bari mu bamaze kuva mu Misiri bayobowe na Mose, bageze imbere y’Inyanja Itukura, babonye ingabo za Farawo zibakurikiye, bagize ubwoba batangira kwitotombera Mose bamubwira bati:
“Mbese i Misiri nta mva zari zihari, ukatuzana mu butayu ngo dupfiremo? Wadukoreye iki, kudukura muri Egiputa?
Ibi si byo twakubwiraga tukiri muri Egiputa tuti: Tureka dukorere Abanyegiputa? Icyatubera cyiza ni ugukorera Abanyegiputa kuruta gupfira mu butayu.”
(Kuva 14:11-12)

Uwiteka yarumvise ayo magambo, maze abwira Mose ati babwire uti:
«Ndahiye guhoraho kwanjye yuko ntazabura kubagirira ibyo mwavugiye mu matwi yanjye.»(Ibara 14:28)

Ibi bitwigisha ko tutagomba gufata amagambo yacu nk’aho nta gaciro afite. Imana yumva twitotomba byose, ibyo tuvuga, haba ku buzima bwacu cyangwa ku bandi.

Twirinde amagambo yo kwiheba, kuvuma abandi no guca abantu intege. Ahubwo tujye tuvuga amagambo yuzuye urukundo, kwizera n’ibyiringiro.

ZIRIKANA:
Ntukavuge ibyo ubwoba bukubwira, ngo wibagirwe ibyo Imana yasezeranyije.
Amagambo yawe agaragaze kwizera, kuko Imana iyumva kandi izatubaza uko twayakoresheje.

ISENGESHO:
Mwami Mana, nyigisha kwitondera amagambo mvuga.
Uhindure umutima wanjye, kugira ngo akanwa kanjye kavuge ibyubaka, bihesha abandi umugisha kandi bigaragaza kwizera.
Undinde amagambo yo gusenya no guca abandi intege.
Mu izina rya Yesu Kristo. Amen.

Shalom.

Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA
THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD

AMAJAMBO YACU ARUMVWA N’IMANA

Igihe abisirayeli bari mu bamaze kuva mu Misiri bayobowe na Mose, bageze imbere y’Ikiyaga gitukura, babonye ingabo za Farawo zibakurikiye, bagira ubwoba batangura kwidodombera Mose bamubwira bati:
« Mbega nta mva zari muri Egiputa, mu kutuzana gupfira mu bugaragwa? N’iki catumye utugirira urtyo, kudukura muri Egiputa? Iki si co twakubgira tukiri muri Egiputa, tuti Tureke, dukorere Abanyegiputa? Kukw iciza, kwar’ uko dukorera Abanyegiputa, hako dupfira mu bugaragwa. »
(Kuvayo 14:11-12)

Ayo majambo Uhoraho yarayumvise, maze abwira Mose ngo babwire Abisirayeli ko avuze ati:
« …Arahiye uguhoraho kwiwe, ut’ Ivyo yumvise mwivugiye ni vyo nyene azobagirira
ko izobagirira nk’uko bayavuze. »
(Guharūra 14:28)

Ibi bitwigisha ko tudakwiye gufata amajambo yacu nk’aho ata co avuze.
Imana irumva ivyo twidodomba vyose n’ivyo tuvuga, haba ku buzima bwacu canke ku bandi.

Nimuze twirinde amajambo yo kwihebura, kuvuma abandi no guca abantu intege. Ahubwo tuvuge amajambo yuzuye urukundo, ukwizera n’ivyizigiro.

ZIRIKANA:
Ntukavuge ivyo ubwoba bukubwira ngo wibagire ivyo Imana yasezeranye.
Amajambo yawe agaragaze ukwizera, kuko Imana irayumva kandi izotubaza ingene twayakoresheje.

IGISABISHO:
Mwami Mana, nyigisha kwitondera amajambo mvuga.
Hindura umutima wanje kugira ngo akanwa kanje kavuge ivyubaka, biha abandi umugisha kandi bigaragaza ukwizera.
Undinde amajambo yo gusambura no guca abandi intege.
Mw’izina rya Yesu Kristo. Amen.

Shalom.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD