Hari abantu bazi kubabaza abandi, ariko ntibamenye gusaba ikigongwe.
Bazi kwiregura, ariko ntibemere amakosa yabo.
Bama biteze ko abandi babagirira ikigongwe, ariko bo ntibashake gusaba ikigongwe.
Erega ntutakaza icubahiro cawe iyo usavye ikigongwe. Ahubwo uba werekanye ko ukuze mu bwenge, kuko wicisha bugufi kandi kuko wubaha abandi.
Ntureke ubwibone ngo busambure ivyo gusaba ikigongwe bivuye ku mutima vyoshobora gusubiza hamwe.
Kuvuga uti: NDASAVYE IKIGONGWE! bisaba ukwicisha bugufi kugira ngo wemere ko wakoze nabi, kandi bisaba umutima rugabo kugira ngo ukosore ivyo wononye.
Kuko Bibiliya ivuga iti:
«Mwaturanire ivyaha vyanyu, musengeranire, kugira ngo mukire indwara…» (Yakobo 5:16)
Nturindire ko uwundi ari we abanza gutera intambwe. Tangura wewe. Nimba ari wewe wakoze nabi, vuga uti: NDASAVYE IKIGONGWE!
IGISABISHO:
Mwami, nkiza ubwibone. Mpa umutima wo kwicisha bugufi, nemere amakosa yanje; umpe umutima rugabo wo gusaba ikigongwe, n’umutima utagira uburyarya witeguriye guhinduka. Amen.
Shalom.
Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA
THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD
