Igihe bari bagorewe mu bugaragwa, abisirayeli barabwiye Mose bati:
« Mbega nta mva zari muri Egiputa, mu kutuzana gupfira mu bugaragwa? N’iki catumye utugirira urtyo, kudukura muri Egiputa? Iki si co twakubgira tukiri muri Egiputa, tuti Tureke, dukorere Abanyegiputa? Kukw iciza, kwar’ uko dukorera Abanyegiputa, hako dupfira mu bugaragwa. »
(Kuvayo 14:11-12)
Ayo majambo Uhoraho yarayumvise, maze abwira Mose na Aroni ngo babwire Abisirayeli ko avuze ati:
« …Arahiye uguhoraho kwiwe, ut’ Ivyo yumvise mwivugiye ni vyo nyene azobagirira
ko izobagirira nk’uko bayavuze. »
(Guharūra 14:28)
Ibi bitwigisha ko tudakwiye gufata amajambo yacu nk’aho ata co avuze.
Imana irumva ivyo twidodomba vyose n’ivyo tuvuga, haba ku buzima bwacu canke ku bandi.
Nimuze twirinde amajambo yo kwihebura, kuvuma abandi no guca abantu intege. Ahubwo tuvuge amajambo yuzuye urukundo, ukwizera n’ivyizigiro.
ZIRIKANA:
Ntukavuge ivyo ubwoba bukubwira ngo wibagire ivyo Imana yasezeranye.
Amajambo yawe agaragaze ukwizera, kuko Imana irayumva kandi izotubaza ingene twayakoresheje.
IGISABISHO:
Mwami Mana, nyigisha kwitondera amajambo mvuga.
Hindura umutima wanje kugira ngo akanwa kanje kavuge ivyubaka, biha abandi umugisha kandi bigaragaza ukwizera.
Undinde amajambo yo gusambura no guca abandi intege.
Mw’izina rya Yesu Kristo. Amen.
Shalom.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD
