IBINYOMA BITUGIRA ABAJA

Ibinyoma twizera birashobora kutugira abaja, na cane cane iyo bihinduye ivyiyumviro vyacu kuri twebge ubwacu, ivyiyumviro vyacu ku bandi, ivyiyumviro vyacu kw’isi, mbere n’ivyiyumviro vyacu ku Mana.
Ng’ibi bimwe muvyo dusanzwe tuzi:

1. Ibinyoma kuri twebge ubwacu

« Ntaco maze. »
Ibi biganisha ku kutigirira icizere no kutubuza kumenya agaciro kacu.

« Sinzokwigera mpinduka. »
Ibi bikuraho ivyizigiro vyose vyo gukura no gutera imbere.

« Kahise kanje karankurikirana. »
Ibi bituma abantu baguma mu makosa yabo canke bihebura.

2. Ibinyoma ku bandi

« Umunezero wanje ndawukura ku bandi. »
Ibi bituma duhora twitwaza abandi, mu nyuma bigashika bakanaduhemukira.
Nico kimwe no kwizera ko agaciro kacu gashingiye gusa ku vyiyumviro vy’abandi.
Ibi birashobora kutugira abaja mu gihe turiko kurarondera ko batwemera.

« Abantu bose baranyanka. »
Ibi birashobora gutuma twikumira, kandi tutanizera abandi, niyo bitoba arivyo.

« Urukundo rurafise ikiguzi. »
Ibi bituma tutakira urukundo rutagira ico rushingiyeko, na cane cane urw’Imana.

3. Ibinyoma ku Imana

« Imana iri kure yanje. »
Yamara Bibiliya itubwira ko Imana iri kumwe natwe, ko ihora hafi yacu:
« Uhoraho aba hafi y’abafise imitima imenetse,
Kand’ akiza abafise imitima ijanjaguritse. »(Zaburi 34:18)

« Imana ntinkunda, impora amakosa yanje. »
Yamara Bibiliya ivuga ko urukundo rwayo rutagira ico rushingirako:
« Tugifise intege nke, mu gihe gikwiye Kristo yapfiriye abatubaha Imana. Kw ar’ ibigoye k’umuntu apfira umugororotsi, umunyangeso nziza kumbure umuntu yotinyuka kumupfira: arikw Imana yatweretse urukundo rwayo idukunda, kuko Kristo yadupfiriye tukir’ abanyavyaha. »(Abaroma 5:6-8)

« Ntegerezwa kuba intungane kugira ngo nemerwe n’Imana. »
Yamara Bibiliya igira iti:
« Ubuntu ni bgo bgabakijije kubg’ ukwizera: na vyo nyene ntivyavuye kuri mwebge, n’ingabire y’Imana; ntivyavuye ku bikorwa, kugira ngo hoye kugira uwirarira.(Abanyefeso 2:8-9)

4. Ibinyoma kw’isi

« Umunezero wacu tuwuhabwa n’amafaranga no gutsinda. »
Yamara abantu benshi bakize kandi bazwi ntibanezerewe cyane.

« Ukwiriye gukurikira umutima wawe buhumyi. »
Yamara Bibiliya ivuga iti:
« Umutima uribesha kuruta ibindi vyose, urwaye indwara itavurwa: ni nde yowumenya?(Yeremiya 17:9)

« Nta kuri kwuzuye kubaho. »
Yamara ata kuri, nta fatiro ry’ibintu canke ukwidegemvya nyakwo vyobaho.

Ibi binyoma bibohera abantu mu bwoba, mu kwicira urubanza, mu guhora bishimikije ku bindi bintu canke ku bandi bantu, no mu bujuju.
Ariko ukuri, kuduha umwidegemvyo.
« Muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobaha kwidegemvya. »(Yohana 8:32)
Ibi birerekana ko mu mwanya ibinyoma bibohera abantu amaboro imugogo, bikabagira abaja, ukuri kwo, kubaha kwidegemvya.
Kandi Ukuri ni Yesu ubwiwe.
Kumenya Yesu n’ivyo yakoze ku musaraba niko kumenya ukuri guha umuntu kwidegemvya.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Imana yacu, duhe kubohoka ku binyoma vyose vyatugize abaja.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

Intumwa Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *