«Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Unyizera n’iyo yoba yarapfuye, azobaho.» (Yohana 11:25)
Marta na Mariya bari bemeye ko vyose birangiye.
Lazaro yari amaze imisi ine apfuye, umubiri wiwe wari watanguye kubora, kandi ivyizigiro vyose vyari vyazimye.
Ariko Yesu yari ahari!
Na wewe ushobora kuba waratanguye kwemera ko indwara zimwe zidakira, ko ingingo zimwe z’umubiri zitagishobora gusubira gukora neza, canke ko ibintu bimwebimwe bitagishobora guhinduka.
Ivyo ni ibinyoma vya Satani, agomba kukwumvisha ko vyose birangiye kandi ko ata cizigiro gisigaye!
Nimba uri umwana w’Imana, Kristo ari muri wewe, kandi nawe uri muri We (2 Abakorinto 13:5). Kandi Yesu ni ukuzuka n’ubugingo (Yohana 11:25).
Ni co gituma utokwemera ko ibisa n’ibidashoboka biba urubibe rw’ukwizera kwawe!
Izere, usenge, kandi uvuge ubugingo, ugukira n’ivyizigiro ku buzima bwawe, na canecane ku magara yawe no ku bibazo urimwo, mw’izina ry’agaciro rya Yesu. Amen.
Shalom.
Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD
