Igihugu ndimwo, s’igihugu gifise imbibe zigaragara canke gisanzwe kiri kw’ikarata y’isi.
N’igihugu co mu mpwemu, ubwami butagaragara ariko bufise ubuzima nyakuri, aho umutima w’umuntu ushobora kuruhukira.
Ico gihugu citwa Yesu.
Yesu yavuze ati:
« Uwuguma muri jewe… uwo niwe yama cane. »(Yohani 15:5).
Ni co gituma nahisemwo kuba muri We.
Sinkiba mu gihugu co kw’isi honyene, mba muri We.
Muri ico gihugu, amahoro s’indoto gusa, n’isezerano ryuzuzwa.
Urukundo ni ryo tegeko riruta ayandi yose, ubuntu na bwo bukagwa nk’isoko ritigera rihagarara.
Ico gihugu ntigihungabanywa n’ibibazo vy’isi, kuko Umwami waco ari uwamaho, umunyakuri kandi ni uwo kwizigirwa.
Ndi umunyagihugu wo mw’ijuru, kuko handitswe hati:
« Tweho i wacu ni mw ijuru. »
(Ab’i Filipi 3:20)
Ndi ingenzi yihitira kw’isi, ariko iwacu ni mw’ijuru.
Ukwizigira kwanje ntigushingiye ku bubasha bw’abantu, ahubwo gushingiye ku kuboko kw’uwatsinze urupfu.
Yesu s’umucunguzi wanje gusa, ni we buraro n’uburamuko bwanje, ubuhungiro bwanje, ubuzima bwanje, ni vyose kuri jewe.
Igihugu ndimwo citwa Yesu, kandi sinzokivamwo na rimwe.
None weho, uba he?
Nimba uruhijwe n’ibibazo bitandukanye vyo kur’iyi si yuzuye ubwoba, ububeshi n’umwijima, menya ko hariho igihugu kitagira ibiturire, kitarimwo iterabwoba, aho umutima ushobora kuruhuka neza.
Yesu aguhamagarira kuhimukira uno musi.
Nta viza canke pasiporo bisabwa, ukwiye gusa kwugurura umutima no kumwizera.
Arakurindiriye, kandi aguteze amaboko yompi.
IGISABISHO:
Mwami Yesu, ndemera ko kure yawe, ndi nk’umuntu atagira igihugu.
Uno musi, nshaka kuva mu buzima bwa nahoramwo, bwuzuye ubwoba, ibicumuro n’ukwikunda. Ndaguhisemwo, nshaka kuba muri Wewe, kuko ariho honyene hari umutekano.
Injira muri jewe, uyobore ubuzima bwanje, unyandike mu bwenegihugu bw’ijuru.
Ndaguhaye umutima wanje, uno musi no gushika ibihe bidashira.
Amen.
Apôtre Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA