« Mu marushwa yanje naratakambiye Uhoraho, aranyishura. »
Zaburi 120:1
Aha umwanditsi wa Zaburi ntariko aravuga ivyiyumviro vyiwe gusa, ariko avuga ivyamushikiye.
Yari mu marushwa, atabaza Uhoraho, na we aramwishura. Ivyo bitwereka ko Imana yumva amasenga y’abana bayo.
Ivyo yakoze ku mwanditsi wa Zaburi, birashoboka ko abigukorera nawe.
Bibiliya ivuga iti: “Imana itarobanura abantu ku butoni.” (Abaroma 2:11). Ntishobora gukunda bamwe ngo yanke abandi. Yumva uwese ayitabaje mu kuri.
Niwaba uri mu mubabaro, nugire nk’uwo mwanditsi: Tabaza Imana! Ntuceceke. Ntiwihebure ngo wigunge. Uko Imana yar’iri kera, n’uno munsi niko iri, kandi niko izohora ibihe vyose.
Iyi mirongo iguha icizigiro:
➡️ Urashobora gutabaza Imana mu marushwa yawe.
➡️ Urashobora kwizigira ko ikwumva.
➡️ Urashobora kurindira kani ukizera inyishu yayo, kuko irizerwa.
Gutabaza kwawe si guto cane ngo Imana ntikwumve, kandi ikibazo cawe si kinini cane ngo Imana ntiyogishobora.
Ivyo yakoze kera, n’ubu irashobora kubigukorera nawe.
Ku bwo kwubakwa kw’abera,
Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA