URI UWERA CANKE UMUNYAVYAHA ?

Abakristo benshi baribaza bati:
« Nokwubahuka kwiyita uwera kandi bishika rimwe na rimwe ngacumura ? »

Bibiliya iratanga inyishu itomoye.
Ijambo ry’Imana ryita « abera » abo bose batoranijwe n’Imana biciye mu kwizera Yesu Kristo (1 Abakorinto 1:2). Kuba uwera ntitubihabwa n’imirimo itagira akanenge twoba dukora, ahubwo tubihabwa n’ubugororotsi duhabwa n’Imana muri Kristo.
« Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana. »(2 Ab’i Korinto 5:21)

Ariko uwera arashobora kugwa mu caha.
Ni co gituma muri 1 Yohani 1:8-9 havuga hati:
« Tuvuze yukw ata caha dufise, tuba twizimiza, ukuri ntikuba kuri muri twebge. Ni twatura ivyaha vyacu, ni yo yo kwizigirwa kand’ igororoka, ivyo ni vyo bituma iduharira ivyaha vyacu, ikatwoza ukugabitanya kwose. »

Yakobo yongerako ati:
« Kuko twese dutsitara muri vyinshi. »(Yakobo 3:2).

Ibi birerekana ko mu buzima bw’aha kw’isi, ata nyambo ibura agahonzi.

Itandukaniro rikuru hagati y’uwera n’umunyavyaha riri mu mutima:
Umunyavyaha n’uwibera mu caha atihana (Yohani 8:34).
Ariko uwera we, iyo bishitse akagwa mu caha, aricuza, akavyuka akatura kandi akacihana.
« Kuk’ umugororotsi n’iyo yogwa ibihetangabo ndwi, asubira kuvyuka, Arikw abanyakibi bazogwa mu vyago. »(Imigani 24:16)

Muri Kristo, icicaro cawe ntigihinduka uko ugenda ugwa.
Uri uwera kubw’ubuntu bw’Imana, n’aho usaba imbabazi buri musi.
Mpwemu w’Imana akuyobora kugenda uguma wirinda kandi wigirwa kure y’icaha.
« Icaha ntikizobaganza, kuko mutaganzwa n’ivyagezwe, ariko muganzwa n’ubuntu. »(Abaroma 6:14)

Ni wibaze uti:
Mbaho mu caha ntihana, canke ndarwana n’icaha nkagaruka ku Mana?
Inyishu izokwereka nimba uri umunyavyaha canke uwera nk’uko Bibiliya ivuga.

Kw’ugukomezanya kw’abera,
Apôtre Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *