NDAGUKUNDA !

«N’ukuri naragukunze urukundo rudashira; ni co gituma nkwiyegerezanya imbabazi.» (Yeremiya 31:3)

Ijambo «Ndagukunda» rishobora kuba risa n’iryoroshe, ariko rirashobora kugira ikintu kinini cane rihindura mu buzima bw’umuntu.

N’ijambo riremesha uwufise amakenga, rigahumuriza uwuri mu mubabaro, kandi rigasubiza agaciro uwumva ko yahebwe.

Ribwire umuntu agikekeranya ku rukundo umukunda.
Ribwire umuntu yumva ko yibagiwe n’abari bakwiye kumukunda.
Ribwire umuntu umutima wawe wikundira.

Ariko rero, ntugarukire ku kurivuga gusa: ibikorwa vyawe nibibe ivyemeza ko ivyo uvuga ari ukuri.

Bibiliya itwigisha kudakundana mu majambo no ku rurimi gusa, ahubwo ko dukwiriye gukundana mu bikorwa no mu kuri (1 Yohana 3:18).

Nturindire ko umuntu agusaba ko umwereka urukundo kugira ngo ubikore.
Ntureke ubwibone ngo bukubuze kuvuga ijambo rishobora gususurutsa umutima w’umuntu.
Kandi nturindire kubura umuntu kugira ngo wicuze ko utigeze umubwira uti: NDAGUKUNDA!

Kunda, erekana urukundo rwawe kandi urugaragarize mu bikorwa!

Ku bw’ugukomeza abera,

Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA
THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *