Kuvuga URAKOZE n’ijambo rigufi, ariko rifise ububasha bukomeye. N’ikimenyetso c’ugushima no kwicisha bugufi.
Kenshi cane, turakira ivyiza vyavuye ku bandi – eka n’ivyavuye ku Mana – ariko ntidufata umwanya wo kuvuga gusa ngo: URAKOZE.
Mu nkuru nziza yanditswe na Luka 17:11-19, Yesu yakijije abanyamibembe cumi. Ariko umwe wenyene ni we yagarutse guhimbaza Imana no kugaragaza ugushima kwiwe. Yesu arabaza, ati: « Ntibahumanutse bose ukw ar’icumi? Abandi cenda bari hehe? Nta bandi babonetse ngo bagaruke guhimbaza Imana, atar’ uyu munyamahanga?(umurongo wa 17 n’uwa 18).
Ibi bitwereka ko n’aho gushima ari bike mu bantu, ariko n’ivy’ikimazi imbere y’Imana.
Iyo umuntu atugiriye neza, ntaba ategerezwa kutugirira neza. Nta n’itegeko riba rimutegeka kudufasha, kuduha umwanya wiwe, canke kudusangiza ibitari bike. Ni ubuntu. Ubuntu busaba gukenguruka.
Biblia iratwigisha iti:
«Mwame mukenguruka muri vyose, kukw ico ari co Imana ibagombako muri Kristo Yesu.»(1 Ab’Itesalonike 5:18)
«Mutima wanje, himbaza Uhoraho;
Ntiwibagire ivyiza yakugiriye vyose.»(Zaburi 103:2)
Kuvuga URAKOZE bituma tuguma twicisha bugufi. Biratwibutsa ko tudashobora kubaho twenyene, ko duhora turonka ubuntu bw’Imana n’ubw’abantu. Ugukenguruks guhindura umutima, gukomeza ubumwe hagati y’abantu, kandi hejuru ya vyose, guhimbaza Imana, Yo sôko ry’ivyiza vyose.
Ubu nyene, duhagarike akanya gato ivyo turimwo. Twibuke abadusengera, abadusengeye, abadufasha, abadufashije, n’abadushigikira. Twibuke Imana iduha ubuzima, amagara meza, n’amahoro. Maze tuvuge n’umutima w’ukuri duti: URAKOZE.
IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Imana yanje, umbabarire ku bw’ukwibagira kwanje no kudashima.
Mfasha mbashe kubona ivyo unkorera, kandi mbashe kuvuga URAKOZE mbwira abo ukoresha kugira ungirire neza.
Ndabisavye mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo, Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA