Satani ni se w’ibinyoma (Yohana 8:44).
Intumbero yiwe ni ukuduhenda ngo twibwire ko umuntu ashobora kuronka umunezero utari kumwe n’Imana.
Ariko uwo munezero n’ubusa, wubakiye ku caha, ku bibi no ku bintu vyose bidahimbara Umwami Imana.
Bibiriya iratwereka uturorero:
•Adamu na Eva biyumviriye ko bazoronka umunezero bariko bararya ku camwa kitemewe, ariko basanze ari isoni n’ugutadukana n’Imana (Itanguriro 3:6-7).
•Abisirayeli bararondereye umunezero mu gusenga ikigirwamana c’imasa mw izahabu, ariko vyabashikanye ku gucirwa urubanza n’Imana (Kuvayo 32:1-10).
•Umwami Salomo, n’ubwo yari afise ubwenge n’ubutunzi, yararondereye umunezero mu binezereza vy’isi n’abagore b’abanyamahanga. Ariko yasanze vyose ari “ubusa no guhahamira umuyaga, kandi nta nyungu iriho musi y’izuba” (Umusiguzi 2:10-11).
•Umusore w’umutunzi yizeye ubutunzi bwiwe, ariko igihe Yesu yamusavye kurondera ubutunzi bw’ijuru, yagiye ababaye (Matayo 19:22).
N’ubu, abantu benshi barahendwa n’uwo munezero w’ibinyoma:
Ibiryohera vy’ivyaha (ubusambanyi, ibiyayuramutwe, inzoga),
Urukundo rw’amahera n’intsinzi,
Ugushaka izina n’iteka ku mbuga ngurukanabumenyi,
Ubwishime bw’ubutegetsi n’iteka ry’abantu.
Ariko Bibiliya ivuga iti: “Harih’ inzira umuntu yibgira kw ari nziza, Arikw amaherezo yayo n’inzira ishikana mu rupfu.” (Imigani 14:12)
Imana ntiyishimira uwo munezero w’ibinyoma. Iratubwira iti: “Abantu banje bakoze ibibi bibiri: bataye jewe, isoko y’amazi y’ubugingo, bakiyimbira ivyobo vyo kubika amazi, ivyobo vyatobotsemw’ imishwena, bidashobora kugumamw’ amazi.” (Yeremiya 2:13)
Ariko inkuru nziza ni uko Yesu Kristo atanga umunezero nyakuri.
Yaravuze ati: “Ni jewe mutsima w’ubugingo: uza kuri jewe ntazosonza na mba, kand’ unyizera nta ho azogira inyota na mba.” (Yohana 6:35)
Umwanditsi wa Zaburi aravuga ati: “Kukw ahaza umutima ufise inyota, N’umutima ushonje awuzuza ivyiza.” (Zaburi 107:9)
Ni co gituma Yesu avuga ati: “Mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa.” (Matayo 6:33)
IGISABISHO:
Mana Mushoboravyose, ndinda umunezero w’ibinyoma Satani atanga.
Ntunyemerere kunezerezwa n’ivyo wanka. Umutima wanje uwuzuze n’ukuba mu kuri kwawe, umpaze urukundo rwawe kandi umfashishe kurondera umunezero nyakuri muri wewe wenyene.
Ni mw’izina rya Yesu Kristo ndabisavye, Amen.
Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA