AMASO YAWE N’AMATWI YAWE: N’INGABIRE Z’IMANA!

«Ugutwi kwumva n’ijisho ribona
Uhoraho ni we yabiremye vyompi.» (Imigani 20:12)

Ugutwi n’ijisho s’ibihimba bisanzwe bigize umubiri w’umuntu gusa. N’ingabire z’Imana.

Imana yabiduhaye kugira ngo, imbere ya vyose, tubone ivyo itwereka kandi twumve n’ivyo itubwira.

Ikibabaje n’uko hari abantu batabona naho bafise amaso, kandi ntibumve naho bafise amatwi.

«Amaso ko muyafise ntimuruha mubona? Mufise amatwi, ntimwumva?» (Mariko 8:18)

Ariko none, twoba vy’ukuri twitwararika kwumva no gutahura ivyo Imana ishaka kutubwira?

Ugutwi kwumva gukwiye kwiga kwumviriza ukuri, kandi ijisho ribona rikwiye kwiga gutandukanya ukuri n’ibinyoma.

Ivyo bisigura ko dufise ibanga ryo guhitamwo ivyo tureka amaso yacu akaraba n’ivyo tureka amatwi yacu akumva.

Kuva uno musi, turashobora gufata ingingo yo kutazosubira kuraba canke kwumviriza ikintu cose kidukomeretsa, kidusambura, gihumanya imitima yacu n’ubugingo bwacu canke kigerageza kutwonkora ku Mana.

Ntitukongere gutega amatwi ibinyoma, amazimwe n’ibindi bintu bitugirako ingaruka mbi. Ntitureke ngo amaso yacu yishimire ibibi. Ahubwo, twige kwumviriza ukuri no kuraba ibintu dufise ugutahura.

Shalom!

Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA
THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *