Igihe Imana yashaka gukiza Abisirayeli mu Misiri, umutima wa Farawo wararushirije gukomera.
Ukudadaza kwiwe kwose kwatuma abana b’Isirayeri bamererwa nabi cane. Ariko ntivyari iherezo: vyari intango y’ubwiza bw’Imana.
Uko agahohotero kagenda kiyongera, niko ugutabarwa gukomeye kwariko kuraza (Kuvayo 14:13).
Muri ubwo buryo, Yozefu yabanje guca mw’ibohero imbere yo kuja ku ngoma (Itanguriro 41:41). Daniyeli yabanje guca mu rwobo mu rwobo rw’intambwe imbere yo kuduzwa (Daniyeli 6:23).
Yesu ubwiwe yabanje guca ku musaraba imbere yo kuzuka (Abafilipi 2:8-9).
Mu bihe vyose, ijoro rirenga ryama ribanziriza umuco ukomeye.
Iyo ibintu vyose bigenda bitituka, wibuke: umuco w’Imana uba ugiye kwaka.
Iyo umutwaro uremereye cane, bisigura ko gukira kuba kuri hafi.
Nk’Abisirayeli, Imana irashobora kwemera ibintu bigasa n’ibidashoboka kugira ngo icubahiro cayo cigaragaze.
No mu buzima bwacu, iyo ibigeragezo vyiyongera kandi tuguma dusenga, ntibisigura ko Imana iba yaduhevye. Ahubwo, n’ikimenyetso c’uko iriko itegekanya kwerekana icubahiro cayo mu buryo bukomeye.
“Kukw amarushwa yacu ahwahutse y’akanya ka none yiyongeranije cane kudushikiriza ubgiza buremereye bg’ibihe bidashira.” (2 Ab’i Korinto 4:17)
Ntutinye rero! Iyo ubonye ibintu vyose bigenda bigorana, ukabona birakomeye, menya ko Imana iba iri hafi kugaragaza icubahiro bwayo.
IGISABISHO:
Mana Mushoboravyose, igihe ibintu vyose bigenda bigorana mu buzima bwanje, mfasha kuguma ndaguhanze amaso.
Nk’Abisirayeli imbere y’Ikiyaga gitukura, nka Yozefu mw’ibohero, nka Yesu ku musaraba, nemera ko ibigeragezo vyanje biriko bintegurira intsinzi.
Erekana icubahiro cawe mu ntambara zanje, kandi ubuzima bwanje bube intahe y’ububasha bwawe.
Ni mw’izina rya Yesu Kristo ndabisavye, amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA