“Ntugashingure akarimbi k’urubibe rwa kera, Ba sogokuruza bashinze.”(Imigani 22:28)
“Ntugashingure akarimbi k’urubibe rwa kera,
Kandi ntukarye amatongo y’impfuvyi; Kuk’ umucunguzi wazo ar’ Inyenkomezi, Izoburana urwazo nawe.”(Imigani 23:10-11)
Mu bwenge bw’Imana, ibintu vyose bifise uturimbi.
Ibiyaga bifise inkombe, ibihugu bifise imbibe, imiryango ifise intoranwa, n’umuntu wese afise umugabane wiwe.
Utwo turimbi s’utwo kutubangamira, ahubwo n’utwo Imana yashizeho kugira irinde ubutungane n’amahoro ntitubihungabanye.
Iyo Bibiliya ivuga ngo “Ntugashingure akarimbi k’urubibe rwa kera, Ba sogokuruza bashinze”, iba ivuga itegeko ry’Imana ry’ukwubaha ivyo yashizeho.
Mu bihugu vyinshi bikiri inyuma mu majambere, intambara nyinshi ziva ku matati y’amatongo n’imirima: Abantu baragura imbibe kugira bagire amatongo manini, babanje kunyaga abatishoboye, abapfakazi n’impfubyi.
Ariko ivyo biva ku mutima wuzuye gukunda ivy’isi no ku bwicanyi bwo mu mutima.
Uwushingura akarimbi k’imbibe za mugenzi wiwe aba yibagiye ko:
“Uwumuvugira ari Imana ubwayo.”
Arashobora kwifatira ubutungane bw’abantu, ariko ntaho yohungira ubutungane bw’Imana.
Imana ubwayo niyo itunganiriza abatatunganirijwe n’ubutungane bw’abantu.
Uwukoresha ububasha canke ubutunzi bwiwe kugira anyage umuntu atishoboye, aba afitaniye urubanza n’Imana ubwayo.
Gushingura akarimbi k’imbibe n’ugushingura umugisha wawe mu buzima bwawe; kuko Imana igwanya abibona, ariko igaha ubuntu abicisha bugufi (Yakobo 4:6).
Hariho n’imbibe zo mu mpwemu n’imico Imana yishiriyeho:
Ukuri,
Ukwizerwa,
Ubutungane,
Ubuziranenge,
n’Ukwubaha abandi.
Abenshi mu kurondera ubutunzi n’icubahiro, barazishinguye, bazikuramwo.
Ariko Imana ivuga iti:
“Ntushingure imbibe nashizeho, kuko ariho umutekano wawe uri.”
IGISABISHO:
Mana y’ukuri,
Uri Imana y’ubutungane, umurinzi w’abatishoboye, n’umuzigama w’intoranwa.
Tubabarire kuko twarashinguye imbibe z’ukuri n’ubutungane.
Dusubizemwo ugutinya izina ryawe, utwuzuze umutima w’ubutungane n’ukwiyorosha.
Twigishe kwishimira umugabane waduhaye, no kurwanira abahohoterwa.
Mpwemu wawe adufashe kubaka igihugu gishingiye ku kuri,
kandi ntituzigere dushingura imbibe zawe.
Mw’Izina rya Yesu Kristo, Amen.
Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA
Icabona c’ubuntu bugarura ubuzima
