«Habaho kunyiganyiga kw’isi gukomeye, kuk’ umumarayika w’Umwami Imana yar’ amanutse ava mw ijuru, araza akura ca kibuye agitembagaje, acicarako.» (Matayo 28:2)
Hari ikibuye gikomeye, ikimenyetso c’umusozo n’ukubura icizere.
Ku bantu, vyari vyaheze: imva yari ifunzwe, icizere carazimye.
Ariko Imana ntiyahindutse: iracamanuka mu mva zacu igatembagaza ibibuye.
Ibikora igihe tutagishobora gusenga, igihe twihebuye, igihe umutwaro waturemereye cane.
Ico kibuye gishobora kuba ico kikubangamiye uno munsi:
ubwoba, isoni, ivyaha, canke ahahise hagutera ishavu.
Ariko Imana ntiyahindutse: iracamanuka mu mva zacu igatembagaza amabuye.
Ariko ku musi w’izuka, Imana yarerekanye ububasha bwayo.
Ico abantu bari barugaye, yaracuguruye, ico bari barafunze, yaragifunguye.
Ico bari baratakaje, Imana yarakigaruye, ivyari vyarapfuye Imana yarabizuye.
Gutembagaza ikibuye ntivyari igikorwa gisanzwe, vyari ikimenyetso c’ububasha bw’Imana bukiza kandi bubohora.
Aho wabona uruhome, Imana ihaca inzira.
Aho wabona iherezo, Imana ihagira itanguriro ry’ubuzima bushasha.
Ariko umumarayika ntiyahagarariye aho: yaciye yicara hejuru y’ico kibuye.
Ivyo bisigura intsinzi.
Mu Vyanditswe, kwicara bisigura gutegeka, kuba mu mahoro inyuma y’ugutsinda. Bisigura ko Imana itagukiza gusa, iranaguhereza ububasha bwo gutegeka ku vyahora bigukandagiye.
Ivyagukandagiye bihinduka intebe y’intsinzi yawe.
Ivyaguteye amarira bihinduka intahe yawe.
Aho wari wugaraniwe, Imana iraguhagukura kugira ubeho mu mahoro no mu ntsinzi.
Ntubone ikibuye nk’intambamyi, ahubwo kirabe nk’ikimenyetso: Imana yaramaze gutembagaza ivyari bikubereye intambamyi, iguhamagarira kwicara hejuru yavyo.
Ntuganzwe n’ubwoba canke n’agahinda ka kahahise. Umukama aravuze ati:
«Ivyagutsinze ejo, ubu biri munsi y’ibirenge vyawe.»
Yesu ni muzima — kandi kubera ari muzima, nawe urashobora kubaho hejuru y’ivyari vyarakuboshe.
IGISABISHO:
Mwami Yesu, urakoze gutembagaza ikibuye cari kizibiye ubuzima bwanje.
Urakoze guhindura iminyororo yanje kuba intahe,n’ibikomere vyanje kuba ibimenyetso vy’intsinzi.
Nshira mu mahoro yawe,
hejuru y’ukubabara n’ubwoba vyanje.
Ivyankandagiye vyongere bihinduke ahantu
ho gutangaza ko uri muzima kandi ufise ububasha.
Amen.
Intumwa Jean-Claude SINDAYIGAYA
