«Ba ari mwebge mwisuzuma…»
(2 Ab’i Korinto 13:5)
Iyo ubona abantu benshi bakunegura, bataguha nirwere, batakwizera canke bakwinuba, ntuce wihutira kwiyanka ngo wiyumvire ko bose ari bo babi canke ko bakwanka.
Banza wisuzume!
Isuzume umenye nimba nawe ata ruhara woba ubifisemwo.
Har’aho wosanga biva ku majambo atari meza uvuga, ku ngeso zitari nziza bakubonako canke ku bikorwa bitari vyiza ukora canke wakoze.
Ukaba hari ico ukora nabi, niwemere kugikosora.
Ukaba hari abo wababaje, basabe ikigongwe.
Kwikosora nobgusaba ikigongwe s’ukuba umunyantege nke, ahubwo n’ikimenyetso c’ubwenge.
Kako wiyanka canke wanka abantu, niwisuzume, hanyuma ukosore ibitagenda neza.
«Enda ni dusesangure ingeso zacu, tuzisuzume, tugaruke k’Uhoraho.»
(Gucura intimba 3:40)
IGISABISHO:
Mwami Imana, mpa umutima wo kwisuzuma, kwemera amakosa yanje no kugira ubushizi bw’amanga bwo kuyakosora.
Amen.
Shalom.
Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA
THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD
