“Inkumi izotwara inda, ivyare umwana w’umuhungu, Bazomwita Imanuweli; risobanurwa ngw Imana iri kumwe natwe.”(Matayo 1:23)
Kuva kera, ico umutima w’umuntu wipfuza cane ni kimwe:
kumenya ko Imana itari kure, ko itamwibagiye, ahubwo ko iriho kandi iri kumwe na we.
Mw’isi irimwo ubwoba, ukudashikama n’ukudatekana, isezerano rikomeye Imana yatanze s’ubukire, ububasha canke intsinzi, ahubwo n’ukwama iri kumwe natwe.
Ni co gituma Imana yatanze izina rifise insiguro ikomeye: Imanuweli.
Izina Imanuweli rikomoka kw’ijambo ry’Igiheburayo עִמָּנוּאֵל (ʿImmanû ʾEl) ari ryo ricagagurwa mu buryo bukurikira:
ʿImmanû (עִמָּנוּ): kumwe natwe
ʿIm = hamwe na
anû = twebwe
ʾEl (אֵל): Imana
Imanuweli bisobanura mu buryo burambuye: “Imana iri kumwe natwe”
S’izina ryihariye gusa, ahubwo n’izina ry’iyobokamana, itangazo ryo mu buryo bw’impwemu: Imana iri mu bantu bayo.
Izina rivuga imbere y’ibikorwa
Si izina gusa, ni ubutumwa bw’Imana.
Imana ntivuga gusa iti: “Nzobafasha.”
Ivuga iti: “Nzoba ndi kumwe namwe.”
Mu gitabu ca Yesaya, iri zina ryari ikimenyetso c’ihumure ku bwoko bw’Imana bwari mu bwoba no mu guhungabana. Imana ntiyirengagije ingorane zabo, ahubwo yarabemereye ko iri kumwe na bo muri izo ngorane.
Kuba Imana iri kumwe n’abantu niyo nyishu yayo ku bwoba bwabo.
Kuva kw’isezerano gushika ku gushitsa
Icari isezerano muri Yesaya carashikijwe muri Matayo.
Muri Yesu Kristo, Imanuweli ntibisigura gusa Imana ifasha,
ahubwo bisigura Imana yegera abantu,Imana yinjira mu buzima bw’abantu, Imana yambaye umubiri.
Yesu s’uwo Imana yarungitse gusa, n’Imana yaje kubana n’abantu.
Ivyo bisigura ko Imana:
•yaciye mu mibabaro yacu,
•yifatanyije n’intuntu zacu,
•yagendanye natwe mu nzira zacu,
•yikoreye imibabaro yacu.
Imana ntiri hejuru yacu gusa, iri kumwe natwe.
Ukuba iri kumwe natwe guhindura ubuzima
Nimba Imana iri kumwe natwe:
•ntituri twenyene,
•intambara zacu ntizirengagizwa,
•amarira yacu irayabona,
•kazoza kacu ntikadutererana.
Imanuweli bisigura ko Imana idahunga ukuri kwacu, ahubwo ikwinjiramwo kugira ngo iguhindure.
N’iyo vyose bisa n’aho bicecetse, n’iyo Imana isa n’iyatwihojeje, izina ryayo riguma ari ukuri: Imanuweli.
Uno munsi,
Ikibazo s’ukumenya nimba Imana iri kumwe natwe?
Bibiliya iravyemeza iti: « Ego ni ko biri ».
Ikibazo nyakuri n’iki:
Ubwo tubayeho tuzi ko Imana iri kumwe natwe?
Kuko ubuzima bubanye na Imanuweli:
•ntibutinya,
•ntibugenda bwonyene,
•ntibutakaza ivyizigiro.
IGISABISHO:
Mwami Imana yacu, turagushimiye kuko utari Imana iri kure.
Turagushimiye kuko muri Yesu
waje kubana natwe.
Dufashe kubaho buri musi
tuzi ko uri kumwe natwe,
mu ntambara zacu no mu ntsinzi zacu. Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
