Ijambo ry’Imana rirabivuga neza: guharira n’itegeko.
Yesu yaravuze ati:
“Ni mwaharira abantu ivyaha vyabo, na So wo mw ijuru azobaharira namwe.” (Matayo 6:14)
Guharira bituma umutima uva mu mubabaro n’inzika, bikica urunani rw’urwanko kandi bikadushira mu kwumvira Imana.
Ariko, guharira ntibisobanura kuba umunyabwoba canke kwirengagiza ibiba vyakubabaje.
Imana iduhamagarira gukunda, ariko ikanaduhamagarira kugira ubgenge.
Yesu ubwiwe arabitwibutsa ati: “Mugire ubgenge nk’inzoka, mumere nk’inuma ata karohe.” (Matayo 10:16)
Umutima utanduye ukwiye kugendana n’ubwitonzi n’ubugenzuzi.
Bibiliya iraduha uturorero dutomoye.
Yosefu yarahariye bene se bamugurishije, ariko yabanje kubagerageza imbere yo kubizera (Itanguriro 42–45).
Dawidi yarahariye Sawuli, yanka kumwica, ariko akagenda anyurana na we kugira arinde ubuzima bwiwe (1 Samweli 24; 26).
Na Yesu ubwiwe, n’aho yari yuzuye urukundo, “ntiyabishimira, kuko yar’ azi abantu bose.” (Yohana 2:24)
Utu turorero tutwigisha ko guharira gukiza umutima, ariko ubwenge bukarinda ubuzima. Guharira n’ukureka kwihora tugashira ubutungane mu maboko y’Imana; ariko kandi ni no kuguma turi maso tukamenya ko atari abantu bose bahindutse, ko hari abashobora kubandanya gukora ibibi.
“Umunyamakenga iy’ abonye ikibi kije, arikinga.” (Imigani 22:3)
Guharira ntibisobanura kwemera vyose canke kwihanganira vyose.
Umukristu ahamagarirwa gukunda vy’ukuri, kugira ubwenge bwo gutandukanya no gushiraho imbibe.
Uburinganire nyakuri Bibiliya ivuga, buri mu mutima uharira vy’ukuri n’ugukomeza kuba maso.
ISENGESHO:
Mwami Mana, duhe ubuntu bwo kubabarira vy’ukuri n’ubwenge bwo kuguma twitonze. Twigishe gukunda dukurikije ukuri kwawe, gutandukanya neza no kugendera mu burinzi bwawe. Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
