Ntureke umutima wawe ngo ube igitebo c’imyanda.
Igitebo c’urwanko, amacakubiri, ibinyoma, imigambi mibi, kwiyumva nabi, amatati,
ishari, gukekeranya n’ivyiyumviro bibi.
Tubayeho mw’isi irimwo ibikomere vyinshi:
amajambo y’abantu, akarenganyo, ubuhemu, kwigereranya n’abandi, kwankwa, n’ugucika intege…
Kenshi, tutabizi, dutangura kubika vyose mu mutima.
Turarundarunda.
Turabika.
Turagerekeranya.
Niho umutima uhinduka aharemereye: huzuye inzigo,
huzuye ukutizera, huzuye ivyiyumviro vyijimye.
Bibiliya iratuburira iti:
“Rinda umutima wawe kuruta ibindi vyose, kuko ari ho amasoko y’ubuzima ava.” (Imigani 4:23)
Iyo Imana idusavye kurinda umutima, n’uko izi ko:
ivyo twemerera kwinjira muri twebwe biduhindura.
Umutima wuzuye inzigo y’inzikira ubona ibintu nabi.
Umutima wuzuye ishari utakaza umunezero.
Umutima wuzuye ibikomere impera n’imperuka urakomeretsa abandi.
Yamara umutima wawe ntiwaremewe kuba ububiko bw’ibibi.
Waremewe kuba ahari ubuzima.
Umutima wawe s’igitebo c’imyanda.
Ni ahera.
Aho Imana ishaka kwibera.
Aho amahoro akurira.
Isoko ritemba urukundo.
Ego, ibikomere birahari.
Ego, akarenganyo karabaho.
Ego, amajambo amwe amwe arakora ku mutima cane.
Ariko ntutegetswe kubika muri wewe ivyagukomerekeje vyose.
Ivyo warundarunze canke warundanije vyose, bishire imbere y’Imana.
Kuko, iyo umutima uhindutse igitebo c’imyanda, ugenda uhagarika kuba isoko.
Uno musi rero, umva ubwenge bw’Imana: Rinda umutima wawe.
Ntureke urwanko ngo ruwiberemwo.
Ntureke ishari ngo ruwushingemwo imizi.
Ntureke ugukekeranya ngo ruwugire urugo.
Ntureke umutima wawe ngo ube igikubo c’imyanda…
ahubwo ube isoko y’amahoro,
ahantu ho kubabarira,
aho ubuzima bw’Imana butembera.
IGISABISHO
Mwami Imana, nyigisha kurinda umutima wanje.
Ndagushize imbere ibikomere, uburake n’ivyiyumviro bibi.
Nyeza imbere muri jewe kandi uhindure umutima wanje isoko y’amahoro n’ubuzima.
Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
