Imana yaturemeye kubaho mu migenderanire.
Nta muntu n’umwe yahamagariwe kubaho ari wenyene.
Hagati y’imitima, Imana yashizeho ibiraro bitaboneka: urukundo, ukwizigirana, imbabazi, ukuri n’amahoro.
Ivyo biraro bituma ubuzima buhurira hamwe, ibikomere bigakira, kandi ubumwe bugatembera.
Ariko ibiraro vy’umutima biroroshe gusambuka.
Ijambo rikomeye rirashobora gusatura ikiraro.
Ubwibone bushobora gucisha intege inkingi zaco.
Ishari rirashobora kurya imizi yaco.
Kwanka kubabarira bishobora kuzibira inzira yaco.
“Urupfu n’ubugingo biri mu bubasha bw’ururimi.” (Imigani 18:21)
Imigenderanire myinshi ntisambuka ku musi umwe.
Isambuka buhoro buhoro — kubera ukutavyitaho, umutima ukomantaye canke gucecereza.
Ni co gituma ubwenge bw’Imana budukebura buti: rinda ibiraro vyawe.
Rinda ikiraro c’urukundo, kuko “urukundo rupfuka ivyaha vyinshi” (1 Petero 4:8).
Rinda ikiraro c’imbabazi, kuko ijambo ry’Imana rivuga riti: “mubabarirane” (Abakolosayi 3:13).
Rinda ikiraro c’amahoro, kuko ijambo ry’Imana rivuga ngo: “dukurikire ivy’ amahoro n’ivyo gukomezanya” (Abaroma 14:19).
Imana ubwayo ni umurinzi w’ibiraro.
Ivyaha vyari vyacukuye ikinogo kinini hagati y’Imana n’umuntu, ariko urukundo rwubatse umusaraba. Nuko umusaraba uba ikiraro c’ubwiyunge.
“Imana yari muri Kristo yiyuzuza n’abari mw isi.” (2 Abakorinto 5:19)
Nimba Imana irinda ikiraro hagati yayo natwe, none twosambura gute ibiraro dufitaniye n’abandi?
Uyu musi, Umwami ashobora kuba ariko arakubwira ati:
Ntureke ikiraro c’agaciro ngo gasambuke.
Sanura icagize imigaga.
Komeza icacitse intege kitagikomeye.
Rinda ikigihagaze.
Aho ibiraro bikiri, imitima irashobora gusubira guhura.
Kandi aho imitima ihuriye, Imana irahakorera.
Rinda ibiraro vyawe.
ISENGESHO
Mwami, nyigisha kurinda ibiraro washize mu buzima bwanje.
Rinda umutima wanje ubwibone, ubukana n’umutima utababarira.
Mpa kwicisha bugufi gusanura ivyase imigaga, n’urukundo rwo kurinda ivy’agaciro.
Ngira umunyamahoro, nk’uko umutima wawe umeze.
Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
