KOSORA !

Birororheye kuvuga ngo:
“Mana, ngirir’ikigongwe.”

Ariko kwihana nyakuri ntibigarukira aho.

Benshi basaba Imana ikigongwe, ariko bagasiga inyuma ubucuti bwavunitse, imitima yakomeretse, n’ibintu bitaratungana.
Ariko Bibiliya irerekana ko igihe icaha cabangamiye abandi bantu, Imana iduhamagarira gukosora.

Yesu Kristu avuga muri Matayo 5:23-24 ati:
“Ni wajana ishikanwa ryawe ku gicaniro, ukahibukira ko har’ ico upfa na mugenzawe, usige ishikanwa ryawe imbere y’igicaniro, ubanze ugende wikiranure na mugenzawe, uce ugaruka, ushikane ishikanwa ryawe.”

Mu yandi majambo, Imana ntireka umubano wacu na Yo ngo ugende wonyene utari kumwe n’umubano n’abandi.

Kwihana nyakuri s’ukwicuza icaha gusa, ahubwo ni no gukosora ivyo icaha cononye.

Akarorero ka Zakayo karavyerekana neza.
Igihe yahura na Yesu Kristu muri Luka 19, ntiyahagaze gusa ku kumenya amakosa yiwe. Yavuze ati:
“Umuntu wese nagunze ndabimurihe kane.”

Ubuntu bw’Imana bwari bwamukoze ku mutima, kandi ubwo buntu bwatumye ashaka gukosora ivyo yononye no kuvyishura.

Gukosora bishobora gusobanura:
•Kwemera icaha wakoze
•Gusaba imbabazi umuntu wakomerekeje
•Gusubiza ivyo wanyaze canke wononye
•Kugarura ukuri aho wavuze amakuru atariyo
•Kugahura icizere biciye mu mibereho yahindutse

Bibiliya ivuga mu gitabu c’Imigani 28:13 iti:
“Upfukapfuka ibigabitanyo vyiwe ntazoronka umugisha,
Arik’ uvyihana akabireka azogirirwa ikigongwe.”

Kwihana nyakuri ntibigarukira ku guhishura ivyaha gusa; bisaba kuvyemera no gushaka gukosora.

Hari igihe gukosora bisaba kwicisha bugufi.
Hari igihe bisaba ubutwari.
Hari igihe bisaba igihe.

Ariko ni ko Imana ihindura uwihanitse kandi yarekuwe akaba yikosora mu mubano wiwe n’abandi.

Imana yita ku bana bayo ngo babe ivyo Bibiliya ivuga muri Yesaya 58:12:
“Uwica ibirengero, n’Usibura inzira zija mu ngo.”

Kumbure muri wewe hari ubucuti bwavunitse, ijambo rikomeretsa, akarenganyo, canke icizere caguye.

Uyu munsi, Imana ntiguhamagarira gusa ngo:
“IHANE.”
Ikubwira kandi ngo:
“KOSORA !”

Kuko imbabazi zifuta icaha, ariko gukosora bisanura imibano.

IGISABISHO:
Mana, mpa kwicisha bugufi kugira ngo menye amakosa yanje kandi mpa ubutwari bwo gukosora ivyo nononye.
Mw’izina rya Yesu Kristo, Amen.

Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *