KWUBAHA IMANA S’UKWIRONKERA INYUNGU

Kwubaha Imana si inzira yo kuronka ubutunzi, intsinzi canke ubuzima bwiza.
Ariko benshi babayeho nk’aho gusenga, gutanga canke gukorera Imana vyotuma baciye baronka ivyiza vy’umubiri.
Ariko Ijambo ry’Imana rirahinyuza ico ciyumviro. Intumwa Paulo ivuga iti: “hari abiyumvira ko kwubaha Imana ar’ ukwironkera inyungu.” (1 Timoteyo 6:5).
Hanyuma igasubiramwo ukuri iti: “kwubaha Imana gufatanije no kubumbga n’ivy’ ufise kuvamw’ inyungu nyinshi koko:” (1 Timoteyo 6:6).

Inyungu nyayo si iy’ibintu, ahubwo ni iy’impwemu: ni ubuzima buhindutse, buri mu mahoro n’Imana.

Imana ntiha umugisha ubunebwe canke ukwibesha.
Iha umugisha ibikorwa vy’amaboko, umwete n’inshingano. Ivyanditswe bivuga biti:
“Ibikorwa vy’amaboko yawe bizogutunga,
Uzonezerwa, uzohirwa.” (Zaburi 128:2), kandi: “ Ivyiyumviro vy’umunyamwete bizana ubukenuke gusa” (Imigani 21:5).
Kandi handitswe hatarimwo amajambo menshi ngo: “Umuntu wese ni yanka gukora ntakarye.” (2 Abatesalonika 3:10).
Gusenga ntigusubirira gukora; kurabiyobora.

Kurondera Imana kugira ngo ubone ubutunzi ni uguhindura ukwizera intumbero yaco.
Yesu Kristo avuga ati:
“Mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa.” (Matayo 6:33).
Umugisha w’Imana si amafaranga gusa; ugaragarira mu mahoro, mu bwenge, mu gutekana no mu buzima bugororotse.
Kuko “Umugisha w’Uhoraho uratungisha,
Kandi nta mubabaro awuvangamwo.” (Imigani 10:22).

Kwubaha Imana si ubudandaji. Ivyo birimwo n’ingene dutanga. Yesu Kristo ubwiwe yarerekanye ko igikomeye atari ingano y’ico umuntu atanga, ahubwo ari umutima atangisha.
Umupfakazi yatanze duke yashimwe kuruta abatanze vyinshi (Mariko 12:41–44).
Ni co gituma gusenga, ic’icumi n’amaturo atari uburyo bwo kugenzura Imana. Ni ibimenyetso vy’umubano muzima nayo.
Imana ntigurwa. Urukundo rwayo ntirugurishwa.
Kandi umugisha wayo ntugurishwa.

Ukuri kuroroshe ariko kurakomeye: ubutunzi si ikimenyetso c’ukwiyegurira Imana, kandi si n’impembo ihita iboneka.
Hari abizerwa baca mu bigeragezo, abandi badafise Imana bagatera imbere kubera ibikorwa vyabo n’umwete. Ivyo ntibivuguruza Imana; vyerekana ko yashizeho amategeko y’ubuzima.
Ukwiyegurira Imana si inzira yoroshe iganisha ku butunzi, kandi gukora si ukwihitiramwo. Imana ihamagarira ukwizera nyakuri n’ubuzima bufise inshingano.

IGISABISHO:
Mwami, mpa umutima ukurondera ku bw’uko uri, atari ku vyo wompereza.
Nyigisha kunyurwa, gukora n’umwete no kugendera mu kuri kwawe.
Ubuzima bwanje bushingwe muri Wewe, kandi bubohorwe n’ibinyoma vyose. Amen.

Intumwa Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *