Hari amajambo ahumuriza… hari n’ayandi asaba ukwiyemeza.
Ijambo umukirisu riboneka mu Vyanditswe:
“Antiyokiya ni ho abigishwa batanguriye kwitwa Abakristo.” (Ivyakozwe 11:26)
Iryo zina ryatangiwe i Antiyokiya, s’uko abizera baryihitiyemwo, ahubwo bararyiswe kubera ko ubuzima bwabo bwasa n’ubwa Yesu Kristo.
Ariko imbere y’uko bitwa Abakristo, bitwa abigishwa.
“Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe uko bukeye, ankurikire.” (Luka 9:23)
Ijambo umwigishwa ntirisigura idini, ahubwo risigura ubucuti buzima n’inzira yo guhindurwa.
Umwigishwa ariga.
Umwigishwa arakurikira.
Umwigishwa arumvira.
Umwigishwa arahinduka.
“Umwigishwa ntaruta umwigisha wiwe, arik’ umwigishwa wese arangije azoba nk’umwigisha wiwe.” (Luka 6:40)
Kuba umwigishwa si ukwizera Kristo gusa—
n’ukwemera guhindurwa na we gushika aho usa na we.
“Ni mwaguma mw ijambo ryanje, mur’ abigishwa banje vy’ukuri; kandi muzomenya ukuri, kand’ ukuri kuzobaha kwidegemvya.” (Yohana 8:31–32)
Uyu musi, ijambo “umukristo” rishobora kuba ikimenyetso c’umuco, akamenyero, canke amajambo gusa.
Ariko umwigishwa we ntashobora kwinyegeza.
Ubuzima bwiwe buravuga.
Ivyemezo vyiwe biratanga intahe.
Guhinduka kwiwe kuraboneka.
“Umuntu wese amvumereza, ati Mwami, Mwami; si we azokwinjira mu bgami bgo mw ijuru, atar’ ukora ivyo Data wo mw ijuru agomba.” (Matayo 7:21)
Ni co gituma kuvuga uti:
“Ntimunyite umukristo, munyite umwigishwa wa Kristo”
atari ukwanka ijambo—
ni ukwanka ukwizera kudafise ubuzima.
N’uguhitamwo ubuzima bwo kwiyemeza vy’ukuri.
N’ukwemera umusaraba, s’izina gusa.
Kuko Yesu atigeze avuga ati:
“Mugende muhindure abantu Abakristo.”
Ahubwo yavuze ati:
“Nuko mugende muhindure amahanga yose abigishwa…” (Matayo 28:19)
Hagati y’ivyo vyompi, harimwo itandukaniro rikomeye
hagati yo kwambara izina…
no kwambara ubuzima buhinduwe.
IGISABISHO:
Mwami Yesu,
ngira umwigishwa wawe nyakuri,
ntibibe mw’izina gusa, ariko bibe no mu buzima.
Unyigishe kugukurikira no kukumvira imisi yose.
Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
