Mu buzima, hari ibihe umuntu wese ashobora gushikirwa n’ingorane z’ubutunzi.
Iyo duhanganye n’ikibazo cihutirwa, iyo mu muryango har’ivyo dukeneye canke hari umugambi ukomeye dushaka kurangura, turashobora kurondera uwuduha ideni.
Ibanki irashobora kutugurana amafaranga.
Umugenzi canke incuti arashobora kutugurana. Umudandaza na we arashobora kuduha ibidandazwa tukazobimwishura mu nyuma.
Gufata ideni akenshi biraruhura umutima.
Turanezerwa kuko haba habonetse umuti w’ikibazo canke uburyo bwo kurangura umugambi twari dufise.
Umunsi amafaranga canke ivyo twaguranye bishitse mu minwe yacu, vyose bisa n’ivyoroshe. Ariko haciye imisi canke amezi, igihe co kwishura gishitse, ibintu birahinduka.
Ivyo twabona ko vyoroshe bishobora guca biba umuzigo uremereye.
Ni ho ubutungane bw’umutima n’ukudahemuka bitangura kugeragerezwa.
Hari abaca batangura guhunga canke kwinyegeza abo bafitiye amadeni.
Hari abahora basezerana kwishura ariko ntibabikore.
Hari n’abashavura iyo bibukijwe ivyo bategerezwa kwishura canke gusubiza abandi.
Ariko uwemeye kugurana aba yemeye n’inshingano zijana n’iryo deni.
Bibiliya ivuga iti:
«Umunyakibi araguranwa, ntiyishure.» (Zaburi 37:21)
Uyu murongo ntucira urubanza uwaguranye. Ahubwo ucira urubanza uwanka kwishura ivyo afitiye abandi.
Imana iratahura ingorane z’ubutunzi.
Irazi ko hari ibihe ibintu bitugora kandi bikadusumba. Ariko rero, yiteze ko tuguma turi ab’ukuri, bicisha bugufi kandi b’intahemuka.
N’iyo tudashoboye kwishura ubwo nyene, turashobora kuvugisha ukuri, kwemera umwenda dufise no gukora ibishoboka vyose kugira ngo tuwurihe.
Ideni rishingiye ku kwizigirana.
Iyo umuntu yishuye neza ivyo yaguranye, aba yubashye ico cizigiro yari yahawe.
Mbere yo gufata ideni, twari dukwiye kwibaza nimba twiteguriye kwakira n’inshingano zose zijana naryo. Kuko kwakira biroroshe kuruta gusubiza, kugurana biroroshe kuruta kwishura.
Nk’abakurikira Kristo, duhamagariwe kugaragaza kamere y’Imana no mu buryo dukoresha ubutunzi bwacu.
Ijambo ryacu rikwiye kwizigirwa, ivyo twemeye gukora bikwiye gushitswa, kandi ukudahemuka kwacu kugakomeza no mu bihe bigoye.
IGISABISHO:
Mwami Mana,
Mpa umutima w’ukuri kandi wiyumvamwo inshingano.
Mfasha kwubahiriza ivyo niyemeje no kugendera mu butungane mu vyo nkora vyose.
Mu izina rya Yesu Kristo.
Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
Ivyiyumviro vyubaka kandi bihindura ubuzima bw’abantu
