NDI UMUGOROROTSI KUKO NATSINDANISHIRIJWE

«None rero, ko twatsindanishirijwe no kwizera, dufise amahoro ku Mana kubg’ Umwami wacu Yesu Kristo.» (Abaroma 5:1)

Abizera benshi bavuga bati: «Ndi umugororotsi», ariko bake ni bo batahura neza igituma ari abagororotsi.
Ubugororotsi bw’Umukristo ntibushingiye ku bikorwa vyiza akora, ku twigoro twiwe canke ku kumvira amategeko ata gasembwa.

Iyoba ubugororotsi bwacu bwari bushingiye ku nyifato yacu, nta n’umwe yoshobora guhagarara imbere y’Imana.

Bibiliya itwigisha ko turi abagororotsi kuko Imana ariyo yatugize abagororotsi. Gutsindanishirizwa ni igikorwa c’ubuntu c’Imana, aho itangaza ko umunyavyaha yizeye Yesu Kristo ari umugororotsi.
S’impembo y’ibikorwa vyiza, ahubwo ni ingabire y’ubuntu.
S’umuntu yitangaza ko ari umugororotsi; ni Imana imugira umugororotsi.

Gutsindanishirizwa ntibisobanura ko tutigeze dukora icaha. Bisobanura ko Yesu Kristo yikoreye urubanza rwacu ku musaraba, maze ubugororotsi bwiwe bubarwa kuri twebwe.
Mu kibanza c’icaha cacu, Imana itwambika ubugororotsi butunganye bw’Umwana wayo.

Ni co gituma intumwa Pawulo avuga iti:
«Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.» (2 Ab’i Korinto 5:21)

Kubera ivyo rero, akaranga kacu ntigashingiye ku vyo dushoboye gukora mu vy’impwemu, ahubwo gashingiye ku gikorwa gitunganye Kristo yarangije. Ibikorwa vyiza ntibizana ugutsindanishirizwa; ahubwo ni vyo vyama bivuye ku gutsindanishirizwa.
Ntitwumvira Imana kugira ngo itwemere, ahubwo turayumvira kuko yamaze kutwemera muri Yesu Kristo.

Ariko rero, uku kuri ntirikwiye guhinduka icitwazo co kubandanya mu caha. Uwatsindanishirijwe vy’ukuri aronka n’ubugingo bushasha. Ubuntu butsindanishiriza ni bwo nyene buhindura umuntu. Umugororotsi ntakora ivyiza kugira aronke agakiza; abikora kugira aheshe icubahiro Uwamukijije.

Iyo Satani akwibutsa kahise kawe, nawe umwibutse ko Imana yamaze kugutsindanishiriza.
Iyo umutima wawe uguma ukwagiriza,ugucira urubanza, wibuke ko Kristo yapfuye kandi akazuka ku bwawe.
Iyo abantu bagucira urubanza rwa ngondagonde, ibuka ko urubanza ruhambaye ari urw’Imana, kandi yo yamaze kukwita umugororotsi kubw’ukwizera.

Uyu musi rero, genda ufise ubushizi bw’amanga, atari uko ata makosa ufise, ahubwo kuko Yesu ata kosa na rimwe agira.
Ntukigere wiyizigira wewe ubwawe, ahubwo wizigire Uwabaye ubugororotsi bwawe.

IGISABISHO:
Data wo mw’ijuru, ndagushimiye kuko wantsindanishirije kubwo kwizera Yesu Kristo.
Ndaretse kwizigira ibikorwa canke ivyo nshoboye, kandi nizigiye gusa igikorwa gitunganye Umwana wawe yarangije ku musaraba.
Mfasha kubaho imisi yose mu buryo bubereye ubuntu nahawe, ngendera mu kwicisha bugufi, mu kwezwa no mu kugushimira. Ndabigusavye mw’izina rya Yesu Kristo. Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *