URI IKINYURANYO !

Urasenga, ariko ukagirira nabi abandi.

Uvuga ko wizera Imana, ariko ukabaho nk’uko itakubona.

Wifuza kuja mw’ijuru, ariko ntushake guhinduka.

Uvuga ivy’ukwizera, ariko umutima wawe wuzuye inzigo, ishari, uburyarya n’ubwibone.

Ucira abandi urubanza, kandi na wewe nyene wuzuye amakosa.

Wibaza ko abantu batabona ivyo ukora, ariko uribagira ko ata na kimwe gihishwa Imana.

Bibiliya ivuga iti:
«Ntimuzimire: Imana yo nticokorwa; kukw ic’ umuntu abiba cose ari co azokwimbura.» (Ab’i Galatiya 6:7)

Imana ntihendwa n’amajambo meza canke n’ukwiyerekana kwiza. Yo iraba ibiri mu mutima.

Niwibuke ko ikibi cose uvuga n’ico ukora kizogaruka kikagushikira, bitebe bitebuke.

Niwihane rero, igihe kigihari, bigishoboka.

Kuko Imana itaraba ku biboneka inyuma, ahubwo iraba mu mutima. (1 Samweli 16:7)

IGISABISHO:
Mwami Yesu, suzuma umutima wanje, unyereke ibitaguhimbara, kandi umpindure.
Kuraho uburyarya, ubwibone n’ikibi cose kiri muri jewe.
Mpa umutima ukunda ukuri, ukugamburuka no gukunda abandi ata buryarya.
Ndagusavye ngo ukwizera kwanje ntikube mu majambo gusa, ahubwo kugaragarire no mu buzima bwanje bwa misi yose.
Mw’izina rya Yesu Kristo, amen.

Shalom!

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *