KUNYWA INZOGA N’ICAHA?

«Mbega kunywa inzoga n’icaha?»

Inyishu ntiri mu vyiyumviro vy’abantu, ahubwo iri muri Bibiliya.

None Bibiliya ibivugako iki?

Bibiliya ntivuga gusa iti: «Ntimunywe inzoga.»
Ahubwo iramagana ku mugaragaro ubusinzi, kurenza urugero no kubura ukwigumya.

«Ntimukaborerwe vino, irimw’ ubuhumbu, ariko mwuzure Mpwemu.» (Abanyefeso 5:18)

Umukristo ahamagarirwa kuguma afise ubwitonzi, ari maso kandi yigumya.

Ikibazo rero si gusa ico unywa, ahubwo n’ico iyo nzoga igukorera.

Iyo itanguye kugutegeka mu ngeso zawe, ikagutesha ubushobozi bwo guca imanza neza, ikagutesha amahoro canke ikagutera kubura ukwigumya, urakwiye guhagarara ukibaza ikibazo kimwe:
NINDE AGANZA UYUNDI?

Bibiliya ivuga iti:
«Vino ni yo mucokoranyi, ibiboreza ni vyo ruyogoyogo,
Kand’ ubidandabagiranamwo wese ntagira ubgenge.»
(Imigani 20:1)

Inzoga zirashobora gutuma umuntu atagishobora guca imanza neza, zikamushikana ku gukora canke kuvuga ibintu azokwicuza munyuma.

Ni co gituma Bibiliya iduhamagarira kugira ubwitonzi no kwigumya.

Pawulo avuga ati:
«Vyose ndavyemererwa, ariko si vyose bingirira ikimazi. Vyose ndavyemererwa, ariko sinzoganzwa n’ikintu na kimwe.»
(1 Ab’i Korinto 6:12)

Ntitwibagire kandi ko umubiri wacu ari urusengero rwa Mpwemu Yera:
«Ntimuzi yukw imibiri yanyu ar’ insengero za Mpwemu Yera ari muri mwebge, uwo mufise, avuye ku Mana? Kandi si mwe mwiganza.» (1 Ab’i Korinto 6:19)

None rero, ntubaze gusa uti:
«NDEMEREWE KUNYWA INZOGA?»
Ahubwo umukristo akwiye kwibaza ibibazo bikomeye kuruta ico:
Iyi nzoga iriko irantegeka?
Iriko ironona ubushobozi bwanje bwo guca imanza neza?
Iriko ironona umubiri wanje?
Iriko iragira inkurikizi mbi ku muryango wanje no ku migenderanire yanje n’abandi?
Iriko irahinduka ingeso sinkibasha kubaho ntayironse?
Iriko irantandukanya n’Imana?
Mbega kunywa kwanje kurashobora gutuma uwundi atsitara mu kwizera?

Nimba inzoga zigutsitaza, zikagutera kubura ukwigumya, zikakuzanira umubabaro, zikakubuza amahoro, zikonona amagara yawe canke zikagenda zigutandukanya n’Imana, hitamwo ibindi.

Umwidegemvyo wawe uruta ikinyobwa.
Ubumwe bwawe n’Imana buruta ingeso.
Kandi ubuzima bwawe buruta ikintu cose cotuma uganzwa na co.

IGISABISHO:
Mwami, mpa ubwenge no kwigumya.
Ntihagire ikintu na kimwe kiba umwami wanje, kandi amahitamwo yanje yose ahezagire izina ryawe.
Mfasha kwitwararika umubiri wanje wampaye ngo nze nkoreshe mu kubahisha izina ryawe.
Mw’izina rya Yesu Kristo. Amen.

Shalom!

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *