«Ntimushushanywe n’ivy’ iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha, kugira ngo mumenye neza ivy’ Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose.»
(Abaroma 12:2)
Isi irashobora kuba yuzuye ikibi n’amabi menshi, irimwo uburyarya, irimwo ibinyoma, akarenganyo n’ukutagira impuhwe n’imbabazi.
Ariko wewe, ntukwiriye kuyigana!
Ntukwiriye kuba umubeshi, ngo n’uko abandi babesha.
Ntukwiriye kugira urwanko mu mutima wawe, ngo n’uko abandi bankana.
Nimba abandi bihora, wewe hitamwo guharira.
Imana ntiyaguhamagariye kumera nk’isi, ahubwo yaguhamagariye guhindurwa na Yo.
Ntukurikize ivyo ubona mw’isi.
Reka Imana ihindure uwo uri we.
IGISABISHO:
Mwami, hindura ivyiyumviro vyanje kandi urinde umutima wanje kugira ngo ntishushanywe n’ivy’isi. Mfasha kubaho nk’uko ugomba. Mw’izina rya Yesu, Amen.
Shalom
Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA
THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD
