KUNDA IGIHUGU CAWE, WUBAHE UBUTEGETSI

«Umuntu wese n’agamburukire abamuganza: kukw ata kuganza kutava ku Mana, ukuriho kwagezwe n’Imana.»
(Abaroma 13:1)

Umwenegihugu mwiza ntasambura igihugu ciwe abitumwe n’urwanko.
Niyo habaye ukutumvikana, arondera amahoro n’ineza y’igihugu.

Iyo atemeranya na Perezida w’igihugu ciwe naho, ntamugabako ibitero, ntamukoza isoni kandi ntamutuka. Arashobora guserura ukutumvikana kwiwe mu rupfasoni, kuko Bibiliya ivuga iti:
«Ntukavuge nabi umukuru wo mu bgoko bganyu.»
(Ivyakozwe n’Intumwa 23:5)

Kwubaha ubutegetsi ntibisobanura kwemera ivyo bukora vyose. Bisobanura kumenya kutemeranya n’abandi ata rwanko, kunegura ata gutukana, no kuburanira ukuri ata gusambura amahoro.

Kunda igihugu cawe.
Korera igihugu cawe.
Wubahe amategeko.
Wubahe n’ubutegetsi.
Kandi ugume uri umwizigirwa ku Mana.

Shalom.

Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA
THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *