NTURWANYE IMANA!

«Ariko ga wa muntu, uri nde, uharira n’Imana?»
(Abaroma 9:20)

N’akaga kurwanya ivyo Imana yafashe ingingo yo kurangura.

Igihe cose umuntu arondera n’ibigirankana kuburabuza, gusambura canke guhagarika igikorwa Imana yafashe ingingo yo kurangura, ntaba ariko arwanya umuntu gusa; aba ariko arwanya umugambi w’Imana.

«Iyi nama n’iki gikorwa ni vyaba biturutse mu bantu, bizosendwa: ariko ni vyaba biturutse ku Mana, ntimuzoshobora kubatsinda, mwoye kuzosanga murwanya Imana.»
(Ivyakozwe n’Intumwa 5:38–39)

Farawo yashaka kubuza Abisirayeli kuva mu Misiri, ariko Imana yarabakuye mu buja.

Abavukanyi ba Yosefu bashaka gusambura kazoza kiwe, ariko Imana yari yaramuteguriye kuba igikoresho co gukiza abantu benshi.

Hamani yashaka gutikiza ubwoko bw’Abayuda, ariko Imana yakoresheje Esiteri kugira ngo ibukize.

Ico Imana yafashe ingingo yo kurangura kirashobora kurwanywa, ariko umuntu ntashobora kugihagarika burundu.

Nuko rero, ntube umuntu arwanya ivyo Imana ariko irakora.

Ntukarwanye umuntu kubera gusa ko udatahura umuhamagaro wiwe.

Ntukarwanye igikorwa kubera gusa ko kibangamira inyungu zawe.

Nimba Imana ari yo iri inyuma y’ico gikorwa, ntuzoshobora kugihagarika.

Kandi niwabona ko Imana ariko irakora, hitamwo ahubwo gushigikira umugambi wayo.

NTURWANYE IMANA!

Shalom.

Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA

THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *