URUKUNDO RWARABUZE !

Ibintu bibi vyinshi tubona mu bantu bishobora kuba vyaratewe n’ibura ry’urukundo mu buzima bwabo.

Muri 2 Timoteyo 3:1-5, Bibiliya iratuburira ko mu misi y’iherezo abantu bazoba bikunda, bakunda amahera, birarira, bibona, batagira umutima wo gushima, badakunda ababo kandi batagira urukundo rwiza.

Ivyo biratwereka ko ukubura urukundo ari kimwe mu bimenyetso biranga ukwononekara kw’inyifato y’abantu.

Hari abantu benshi bagaragaza ubunyamaswa, ubukazi, inzigo, ishari, agasuzuguro, ukwikunda n’izindi ngeso mbi kubera ko batigeze baronka urukundo rukwiye, canke kubera ibikomere vyo mu mutima vyatewe no kubura urukundo.

1. Urukundo rutuma umuntu agira inyifato nziza.

Bibiliya itubwira ko urukundo rwihangana, rugira neza, rutagira ishari, rutirarira, rutihayagiza, rudakora ibiteye isoni kandi ritarondera ivyarwo gusa.(1 Ab’i Korinto 13:4-7)

Ibi biratwereka ko urukundo rutuma umuntu agira inyifato nziza mu migenderanire yiwe n’abandi.
Iyo urukundo rubuze, hari ingeso mbi zishobora kuronka ikibanza mu buzima bw’umuntu.

2. Urukundo rubuze rushobora gutuma umuntu akomeretsa abandi.

«Umururazi wose, n’uburake, n’ishavu, n’ugutongana, n’ugutukana, bibavemwo hamwe n’ikibi cose. Mugiriranire neza, mugiriranire imbabazi…»
(Abanyefeso 4:31-32)

Umuntu ashobora kuba yarakomeretse cane mu mutima, ariko ivyo ntibimuha uburenganzira bwo gukomeretsa abandi.
Ahubwo, akwiye kwemera gukira kugira ngo ntabe inkomoko y’ibikomere vy’abandi.

3. Urukundo ni ikimenyetso c’ukumenya Imana.

«Ūdakunda ntazi Imana, kuko Imana ari urukundo.» (1 Yohana 4:8)

Kumenya Imana ntibigaragarira gusa mu gusenga, kuja mw’ishengero canke kuvuga ivy’Imana. Bigaragarira kandi mu kuntu dukunda abandi, tububaha kandi tubagirira neza.

Umuntu atigeze akundwa arashobora kwiga gukunda. Umuntu yakomeretse arashobora gukira.
N’uwamenyereye gukomeretsa abandi arashobora guhinduka igihe yemeye guhindurwa n’Imana.

Ntidukwiye kwongerereza isi ibikomere.
Dukwiye kuba abantu bazana urukundo ahari urwanko, amahoro ahari intambara, imbabazi ahari inzigo, n’ubuntu ahari ubunyamaswa.

Urukundo ntirwari rukwiye kubura mu buzima bwacu!

Shalom.

Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA
THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *