WITONDERE ABO UBWIRA IVYAWE !

«Uwitonda ahisha ivyo azi,
Arik’ umutima w’ibipfu uswaganya ubupfu.»
(Imigani 12:23)

Urakwiye kwitondera abantu wemera ko bakwinjirira mu buzima bwawe.
Si umuntu awariwe wese akwiye kumenya ivyerekeye ubuzima bwawe, imigambi yawe, ingorane zawe canke amabanga yawe.

Ukwiriye kwiyubara no kwitondera ivyo uvuga n’ivyo uceceka.
Ntutegerezwa kubwira umuntu wese ikintu ico arico cose.
Hari ibintu bimwebimwe vyoba vyiza bigumye ar’ibanga.
Umenye neza ko abantu bakwegera, atari bose baba bagufitiye imigambi myiza.

Shalom.

Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA
THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *