UKIRI MU MUBIRI, ARIKO WEGEREYE IMANA!

«Ni co gituma na ntaryo turinda mu mutima, kandi tumenya yukw iyo tur’ i wacu mu mubiri tuba tugerereye kure y’Umwami wacu.» (2 Ab’i Korinto 5:6)

Kuba mu mubiri bisobanura kuba tukiri muri ubu buzima bwo kw’isi. Ariko ntibisobanura ko dutegerezwa kuba kure y’Imana mu migenderanire yacu na yo.

Ikibabaje n’uko hari abantu benshi bakiriho ku mubiri, ariko mu mpwemu bari kure y’Umuremyi wabo.
Baratwarwa cane n’amaganya y’ubuzima, ivyipfuzo, ibinezereza vy’isi n’inyungu zabo bwite, gushika n’aho birengagiza Imana yabahaye ubuzima.

Ntureke ngo ivy’isi bigutandukanye n’Imana ifise ububasha ku buzima bwawe bw’ibihe bidashira!

Igihe cose ukiri mur’uyu mubiri, rondera kugendana n’Imana, ugendere mu kwizera, ugamburuke Ijambo ryayo kandi wihatire kuyihimbara.

Uracari kw’isi, ariko umutima wawe ukwiye kuba waramaze kwerekeza mw’ijuru!

IGISABISHO:
Mwami, mfasha kubaho kuri iyi si ntigera nitandukanya nawe.
Umutima wanje wame nantaryo ukwegereye kandi wunze ubumwe nawe.
Ubuzima bwanje bwose bube ubwawe kandi buguhimbare.
Amen.

Shalom!

Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA
THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *