URUKUNDO RW’IMANA RURAHAGIJE

Hariho abantu bababazwa n’uko abandi batabakunda canke batabitayeho.
Yamara, urukundo rw’Imana, rurengeye urukundo rwose rw’abantu n’ivyo abantu bakunda gushingirako, ruraduhagije.

« Kuk’ urukundo Imana yakunze abari mw isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ umwizera wese ntaz’ apfe rubi, arikw ahabge ubugingo budashira. »(Yohana 3:16)

Abantu ntibategerezwa kudukunda, ntibategerezwa no kutwubaha. Utegerezwa kudukunda no kutwubaha ni Imana yacu.
Imana iradukunda kandi ikatwubaha kuko izi agaciro kacu kubwo kuturema mw’ishusho ryayo no kubwo kuba yaratanze umwana wayo nk’ikimazi kubwacu.

Ntidukwiye rero kubabazwa n’uko hariho abantu batadukunda canke batatwubaha. Abo, ivyo bazobibazwa n’Imana.
Ariko twebge ku ruhande gwacu, dukunde kandi twubahe bose.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kunyurwa n’urukundo rwawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *