BATWITA NGW’IKI ?

Iyo abantu batatwise amazina ababyeyi bacu baduhaye, batwita amazina badutaziriye bo nyene kubera uko duteye canke kubera amateka yacu meza canke mabi.

Ariko, kubw’ubuntu bwayo, Imana irashobora guhindura ayo mazina yose abantu badutaziriye:
– Simoni, yabaye Petero, « inkingi y’itorero ryambere ».
« Uri Simoni mwene Yohana; uzokwitwa Kefa » (risobanurwa ngo Petero).(Yohana 1:42)
– Sawuli w’i Taruso, yatoteza Ekleziya, yabaye intumwa Pawulo, umwubatsi wayo.
– Yakobo, umubeshi, yabaye Isiraheli se w’imiryango cumi n’ibiri.
« Ntucitwa Yakobo ukundi, ariko wiswe Isirayeli l; kuko waniganye n’Imana n’abantu, ukanesha. »(Itanguriro 32:28)

Amazina Imana iduha azana imigisha kandi yerekana ibihe bishasha canke ubuzima bushasha bwiza.
Kandi Imana iyaduha inyuma yo kuduhindura.
Ni mur’ubwo buryo umuntu wese yiswe umuntu mubi ahinduka akitwa umuntu mwiza kubw’ubuntu bw’Imana,
Uwo abantu bose bita umuntu w’amahane ahinduka akitwa umugwaneza kubw’ubuntu bw’Imana,
Uwo umuntu wese yise umuntu w’umubeshi, ahinduka akitwa umuntu w’umunyakuri kubw’ubuntu bw’Imana, n’ibindi.
Reka dusabe Imana kuduhindura kugira ngo tubone amazina mashasha.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, n’uze mu buzima bwacu kuduhindura no kuduha amazina mashasha.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *