NDI UWIWE

Ntakintu gifise agaciro ku bakristo kuruta kwumva uburemere bw’umubano wabo na Kristo.

Umubano wacu na Kristo uhagaze ku majambo akurikira ya Yesu:
« Muzomenya ko ndi muri Data, namwe muri muri jewe, nanje ndi muri mwebge. »(Yohana 14:20)
Yesu yishushanyije n’abigishwa biwe hamwe n’abamwemeye bose kuva aza kw’isi, agacibwa urubanza rw’Imana kuri bo no mu mwanya wabo.
Turashobora rero kuvuga twizeye ibi:
« Umukunzi wanje n’uwanje nanje nd’uwiwe… »(Indirimbo ya Salomo 2:16)

Kuvuga ngo « Ndi uwiwe », ni imvugo y’ukwizera gutaziguye, rwitura Kristo, n’urukundo rukomeye.
Ni ukuvuga ko, umukristo abivuga, yemera kandi akumva ko ari itunga rya Kristo kandi ko Kristo amuzi bikwiye.
None nawe uremera kandi uriyumvamwo ko uri uwiwe?
Nitwaba twemera ko koko turi itunga rya Kristo kandi tubizi, ntidushobora gukangwa n’ikintu ico ari co cose kuko tuzi ko uretse ko Kristo aturaba kandi atwitaho muri vyose, ariko kandi kubera ko ata ndwara, canke gutotezwa, canke guhohoterwa, ivyago yose, n’ibibi vyose vyotugirako inkurikizi.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, dufashe kwizera no kumenya ko turi aba Kristo.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎️: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *