IMANA IZOKORA IBIDASHOBOKA

Umumarayika Gaburiyeli amaze kumenyesha Mariya inkuru ikomeye yo kwibungenga, Mariya yaramusubije ati:
« Ivyo bizobaho bite, ko ntaramenya icitwa umugabo? »(Luka 1:34)
Ni nk’igihe umumarayika Gaburiyeli nyene yabwira Zakariya ko vuba azoba se w’umwana, yarasubije ati:
« Ivyo nzovyerekwa n’iki, ko nd’umutama, n’umugore wanje akaba ageze mu zabukuru? »(Luka 1:18)

Abo bose uko ari babiri bari mu bihe bidashobokera umubiri kuvyara.
Mariya yari isugi, Zakariya nawe (numugore wiwe) bari bashaje kandi bari n’ingumba.
Mariya rero ntiyakekeranije ko bizokorwa, ariko yarabajije « uko bizobaho ». Yari yizeye ko Imana ishobora kurenga ku bidashoboka. Zakariya we yarakekeranije kur’iryo sezerano, niyo mpamvu yabajije niba ijambo ry’Imana, ryatanzwe na marayika, ari ukuri.
Ni kangahe natwe gukekeranya ko Umwami azokora ivyo yavuze, kubera uruhome rw’ibidashoboka ruri imbere yacu?
Yamara muri Guharura 23:19 haratwibutsa ko « Imana s’umuntu ngw ibeshe, Kandi s’umwana w’umuntu ngo yisubiremwo. »
Canke, ni kangahe dutinya kwubahuka gusaba Imana ikintu ubwenge bwacu bwemera ko kidashoboka?
Yamara muri Luka 1:37 haratwibutsa ko « ata kintu kidashoboka ku Mana. »

Imana yacu ni iyo kwizerwa, ntituzosubire gukekeranya ku masezerano yayo, kandi kubera ko ishobora vyose, ntituzosubire gutinya kuyisaba ko idukorera ivyo tuzi ko bidashoboka ariko bishobora kutubera vyiza kandi bikatugirira akamaro.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kugira ivyizigiro vyuzuye muri wewe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎️: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *