IMANA IRAKIZA ISONI

Adamu na Eva bamaze gucumura, barakozwe n’isoni bagerageza kwitwikira bahuza amababi y’umutini, maze Umwami Imana abaravye, bihisha mu gisaka. Yamara ayo mababi y’umutini bitwikirije, ntiyashobora guhisha ikibazo nyaco bari bafise c’isoni n’ibimaramare.

Niho rero, kugira ngo ibasubize mu buzima busanzwe, Imana yabaronkera imyambaro y’insato.
« Uhoraho Imana aronkera Adamu n’umugore wiwe imyambaro y’insato, arabambika. »*(Itanguriro 3:21)

Hari igihe umuntu ashobora gukora ibintu vy’ibiterasoni mu bantu canke agafatirwa mu vyaha bikomeye abantu benshi bakabimenya. Kandi rero, nk’umuntu wese ataco yambaye, aca agira isoni zo gusubira kuja mu bantu kandi abantu nabo baca batangura kumwinuba, no kumwirengagiza.
Kwihisha canke kwisigura ku bantu ntibikemura ikibazo c’isoni canke ic’ibimaramare. Ahubwo, mur’ico gihe, Imana yonyene niyo ishobora kumugarukira, ikamwambika umwambaro upfuka « ubwambure bwiwe », canke isoni ziwe, umwambaro mwiza umusubiza mu bantu kandi wibagiza abantu ibara yakoze.
Nivyaba vyaratubayeko, tugakora ibintu vy’ibiterasoni canke tugakora ibintu vy’akamaramaza, dukwiriye gusaba Imana ikaturonkera imyambaro itwikira isoni n’ibimaramare vyacu. Kandi Imana ica ibidukorera kubw’ubuntu, imbabazi n’urukundo vyayo, no kubwo kwihesha icubahiro.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, turonkere imyambaro itwikira isoni dufise kubera ibintu vyose vy’akamaramaza twakoze mu buzima.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *