UBGIBONE N’IKI ?

Iyo uri umwibone, uguma wifata nk’umuntu adasanzwe, kandi ukishira hejuru y’abandi. Ivyo birasobanuwe neza muri Yesaya 14:

« Wari waribariye mu mutima, uti Nzoduga nje mw ijuru, nkuze ingoma yanje isumbe inyenyeri z’Imana; uti Nzovyagira ku musozi w’ikoraniro mu ruhande rw’impera y’i buraruko; uti Nzoduga ndenge ah’ ibicu bigarukira; nzoba nk’Isumba vyose. »(Yesaya 14:13-14)

Aya majambo yerekeye umwami wa Babiloni, ariko ikibabaje n’uko akoreshwa no kubandi bantu kandi benshi. Asigura ishingiro ry’ubwibone bwa muntu.
N’ubwibone butuma abantu kwiyumvira ko bafise ibisubizo vyose kandi ko bashobora kubaho neza bakimenya muri vyose ata Mana.
Mbega ukuntu bitumvikana kwigereranya n’Isumbabyose!
Kandi burya, umuntu yigereranije n’Imana, ni nk’ « umukungugu ufashe ku munzane. »(Reba Yesaya 40:15)
Mbega hoho, iyo twigereranije n’abandi, ntitwumva rimwe na rimwe tumeze neza, Turi beza kandi dufite akamaro kuruta bamwe mubo dukorana, ababanyi bacu canke bamwe mu bagize umuryango wacu? Ivyo n’ubwibone.
Tumenye kandi twame twibuka ko « Imana irwanya abibona, arikw abicisha bugufi ibaha ubuntu. »(Yakobo 4:6)

IGISABISHO:
Uhoraho Imana yacu, duhe kwirinda impwemu y’ubgibone mu buzima bwacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *