AKIRA YESU MU NZU YAWE

Niba tuzi Yesu uwo ari we, dutegerezwa cane kumwakira iwacu.
Marita n’umwe mu bakiriye Yesu mu rugo rwabo.

« Maze bariko baragenda bashika mu mihana: umugore yitwa Marita aramwakira amushikiza mu nzu yiwe. »(Luka 10:38)

Muvy’ukuri, guhura na Yesu, aho mwohurira hose, ntibikwiye, dukwiriye kumwakira iwacu kugira ngo abandi bagize umuryango wacu bose bamumenye, bamwumvirize kandi bakire imigisha yiwe.
Mariya, mushiki wa Marita, yaboneyeho umwanya wo kumviriza amajambo ya Yesu. (Soma Luka 10: 39-42)
Kandi nk’uko Yesu abivuga, ni ngombwa kwumviriza ijambo ryiwe kuruta kumwakira gusa.
Iyo twakiriye Yesu mu rugo rwacu, tuba twakiriye n’agakiza mu muryango wacu. Amaze kwinjira mu nzu ya Zakayo, Yesu yaramubwiye ati: « Uyu musi agakiza gashitse mur’iyi nzu. »(Luka 19:9)
Zakayo yakijijwe kandi ahindurwa no kwakira Yesu mu buzima bwiwe, ariko amaze kwakira Yesu mu nzu yiwe, abantu bose bo mu rugo rwiwe na bo barakijijwe.
Woba warakiriye Yesu mu nzu yawe?
Abagize umuryango wawe baba mu nzu yawe barazi Yesu?
Niba warakijijwe, zana Yesu mu rugo rwawe no mu muryango wawe kugirango abawe nabo bakizwe.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe kwakira Yesu mu rugo rwacu no mu miryango yacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *