REKA KURWANYA IMIGAMBI N’IBIKORWA VY’ABANDI

Mu gihe ibimenyetso vyinshi n’ibitangaza vyakorwa mu bantu n’amaboko y’intumwa, kandi igitigiri c’abizera Yesu, abagabo n’abagore, cari ciyongereye cane, abakuru barahagurutse kugira ngo babarwanye.

Ico gihe niho umwe mu bafarisayo yitwa Gamaliyeli, umwigisha w’ivyagezwe, yubahwa n’abantu bose, yababwira ati:
« Ni muzibukire aba bantu, mubarekure: kukw iyi nama n’iki gikorwa ni vyaba biturutse mu bantu, bizosendwa: ariko ni vyaba biturutse ku Mana, ntimuzoshobora kubatsinda, mwoye kuzosanga murwanya Imana. »(Ivyakozwe n’Intumwa 5:38-39)

Ntampamvu rero yo guhaguruka ngo urwanye umugambi canke ibikorwa vy’abantu utaco uzi canke ukekeranya ku kuri no ku ntumbero yavyo.
Iyo migambi n’ivyo bikorwa nivyaba bidaturuka ku Mana, impera n’imperuka bizosendwa.
Ariko nivyaba bituruka ku Mana, ntuzoshobora kubirwanya no gutsinda benevyo.
Reka kurwanya imigambi n’ibikorwa vy’abandi.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe kutigera twubahuka kwifuza kurwanya ibikorwa vy’abandi.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *