UKURI KWAHISHIJWE GUSHIKA N’UBU

Igihe bamwe mu barinzi b’abasoda baja ku baherezi bakuru kugira ngo bababgire ko Yesu yazutse, bamaze gukoranira hamwe n’abashingantahe baja inama, bahera abo basoda amahera menshi, bati:
« Muze muvuge, mut’ Abigishwa biwe baje mw ijoro, baramutwibana dusinziriye. »(Matayo 28:13)

Bibiliya itubwira ko abo basoda babiriye ya mahera, bagira nk’uko bohejwe; kand’iryo jambo ryandagara mu Bayuda na bugingo n’ubu.(Matayo 28:15)

N’iki kiri inyuma y’iryo rementanya rikibandanya na bugingo n’ubu?
N’ukuri ku kuzuka kwa Yesu batashaka ko kumenyekana.

Muvy’ukuri, izuka rya Yesu niryo ryinjije abantu bose mw’isezerano rishasha, rikurako abantu ingogo y’amategeko ribashira munsi y’ubuntu bg’Imana.
« Nuko rero noneh’ abari muri Kristo Yesu nta rubanza ruzobatsinda. Kukw ikingera ca Mpwemu w’ubugingo bgo muri Kristo Yesu cancunguye ngo singanzwe n’icangera c’icaha n’ic’urupfu. »(Abaroma 8:1-2)
Ukuri ku rupfu n’izuka vya Yesu bidushingira intahe ko « twezejwe, tubiheshejwe n’uk’ umubiri wa Yesu Kristo watanzwe rimwe gusa. »(Abaheburayo 10:10)
Uku nikwo ukuri abaherezi bakuru batifuza ko ubwoko bg’Imana bumenya.
Bashaka ko ubwoko bg’Imana bubandanya gutanga ibimazi n’amashikanwa kubera ubgoba bwo kuzocibga urubanza no kuzohanwa n’Imana.
Yamara, kwirengagiza ubuntu bg’Imana no kuguma twumva dufise icaha n’ugutesha agaciro igikorwa Yesu yakoreye ku musaraba.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, dufashe gusobanukirwa isezerano wagiranye natwe ku musaraba ubicishije kuri Yesu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *