KUGENDERA MU BUGOMBE BG’IMANA

Nta kintu c’ingirakamaro mu buzima bgacu nko kumenya ko Imana idushakira ivyiza gusa.

« Unyigishe gukora ivyo ugomba, kukw ari wewe Mana yanje: Mpwemu wawe mwiza andongore mu nzira irashe. »(Zaburi 143:10)

Birashika ko ubugombe bg’Imana butandukana n’ubgacu. Ariko tuzi ko Imana idukunda kandi idushakira ivyiza mu bintu vyose bitubako canke ivyo ducamwo vyose, ubgigenge bgacu buca bwubaha kandi bugacira bugufi ubugombe bg’Imana.
Iyo naho tutemeye ubugombe bgayo, Imana ica iduteza ibituma tubwemera ku neza yacu.
Nk’akarorero, turashobora kwifuza ibihe vyiza canke izuba kugirango tuje kw’isango twahanye n’abandi ikomeye, ariko Imana, kuko isanga iri sango ryotuviramwo inabi, irashobora gutuma hagwa imvura kugira iturinde.
Iyi nico mpamvu dukwiriye guhora tuvuga duti: « Umwami wacu ni yabikunda, tuzoramba, kandi tuzokora durtya canke durtya. »(Yakobo 4:15)

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, dufashe kumenya buri gihe ubugombe bgawe no guhora tubwubaha.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *