HANURWA WUMVE

Ba sokuru barayamaze bati: « nyamubura uwumuhanura niwe nyamubura uwumuhamba. »
Guhanwa birashobora kuba ibintu bigoye kwemera, ariko ni ingirakamaro mu buzima.

« Uwanka guhanwa aba akengereye ubgiwe bugingo, Arik’ uwumvira ivyo ahanuwe aronka ubgenge. »(Imigani 15:32)

N’aho twiyizeye kandi twiyemera ubgacu, ukuri n’uko ata muntu abaho udakora amakosa.
Nico gituma twese dukeneye guhanurwa canke no guhanwa.
N’ivyubaka; kuko nimba guhanurwa biganisha ku kurinda ubuzima n’ubugingo, uwirengagije canke agasuzugura guhanurwa aba yishize mu kaga nk’uko yoba yiyanka.
Kwanka guhanurwa rero bituma ibintu biba bibi cane. Abavyanse bibera mu bibi kandi bakaruhira guhura n’inkurikizi mbi zose zituruka kur’ivyo bibi.
Ntuzokwigere wanka guhanurwa.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe guhora twemera guhanurwa.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *