WA MUSOZI MUNINI WE, UR’IKI ?

Kugira akomeze Umwami Zerubabeli mu kumwizeza ko, n’aho afise intege nke ndetse n’iz’igihugu, ibikorwa biherutse kuvugururwa vyo kwubaka urusengero, ndetse n’ibifitanye isano navyo muri kazoza, bizogira iherezo ryiza, Uhoraho yaravuze abicishije muri Zekariya aya majambo ati:
« Wa musozi munini we, ur’ iki? Uzocikira ikiyaya imbere ya Zerubabeli; azozana ibuye ryo gusozera kwubaka, basesereza impundu, bat’ Ubuntu, ubuntu bube kuri ryo! »(Zekariya 4:7)

None wewe, umusozi munini wawe n’uwuhe, ni ikihe kibazo udashobora gukemura?
Kumbure umusozi wawe munini n’indwara « idakira » nka diyabete cyangwa sida wasuzumwe, canke na kanseri!
Kumbure umusozi wawe munini n’ubukene canke ibihe vy’akarenganyo canke gutotezwa!
Kumbure umusozi wawe munini ni ukwumva wankwa canke udakunzwe n’abantu!
Uko ingano canke uburemere bw’umusozi wawe, vyoba bimeze kwose, ibuka ko Imana yawe ari n’iy’ivyitwa ko bidashoboka. Ubwo ivyo ntibihagije kugira ngo impungenge zawe ziveho?
Umusozi wawe ntaco uri imbere y’Imana, uzoringanizwa usizwe.
Nk’umwana w’Imana, vugana n’ikibazo cawe ukibwire uti:
Ur’iki imbere y’umwana w’Imana nkanje? Uzocikira ikiyaya.
Imana yacu ishira ibintu mu murongo kandi umusozi wose mu buzima bgacu n’igikorwa c’Imana. Izokora biciye muri Mpwemu wayo kugira ngo umusozi uhinduke ikiyaya.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe kwizera ubushobozi bgawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye tuvyizeye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *