IGISUBIZO C’UMUTIMA UHORA WIYAGIRIZA ICAHA

Hariho abantu bumva bihebuye igihe cose kubera kwiyagiriza icaha, kandi impera n’imperuka bikabaviramwo indwara.
Muvy’ukuri, abaganga basanze indwara nyinshi zo mu mutwe ziterwa no kwicira urubanza no kugendana n’urubanza rw’icaha kubera ko umutima uguma ubabgira ngo: « Warakoze nabi, utegerezwa guhanwa. Ni gute icaha cawe kidahanwa? »

Niyo mpamvu ukwiriye kugira igisubizo gihumuriza umutima wawe.

« Non’ amaraso y’impene n’ay’ amapfizi bo n’umunyota w’inka y’iriza ucucagiwe abahumanye, ko vyeza imibiri igahumanuka, mbeg’ amaraso ya Kristo, uwo yitanze ku Mana atagira agasembga, abitewe na Mpwemu ahoraho, ntazorushiriza guhumanura imitima yanyu ngw ibikorwa vy’impfagusa biyivemwo, kugira ngo mubone ingene mukorera Imana nzima? »(Abaheburayo 9:13-14)

Iyo umutima wawe ukubwiye uti « Warakoze icaha. Utegerezwa guhanirwa ico caha canke bitabaye ivyo, Imana ntiyoba ari Imana y’intungane », ukwiriye kuwusubiza uti: « Ego, naracumuye. Ariko iki caha n’ibindi vyaha vyose nakoze vyarahanwe mu mubiri wa Yesu Kristo! Nta gihano rero kindindiriye uyu munsi, kuko amaraso ya Kristo, uwo yitanze ku Mana atagira agasembga, abitewe na Mpwemu ahoraho, yarahumanuye umutima wanje! »

Mugenzi wanje, inzira yonyene yo kuzana amahoro mu mutima wawe n’ukuraba umusaraba.
Umusaraba wa Yesu nico gisubizo conyene cohumuriza umutima wawe.

N’uyundi musi rero, umutima wawe niwagucira urubanza kubera icaha, ntuzogerageze kuwucecekesha n’ibikorwa vyawe vyiza. Ahubwo uzorabe ku musaraba maze uvuge uti: « Data, urakoze kubwa Yesu n’umusaraba. Yesu yaciriwe urubanza azira ivyaha vyanje, ubu rero ntarubanza ngicirwa. »

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe guhorana amahoro mu mitima yacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *